Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA: Obama yahagaritse ingendo muri Aziya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Obama yahagaritse ingendo muri Aziya

USA: Obama yahagaritse ingendo muri Aziya

mercredi 2 Gitugutu 2013

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika, vyavuze ko Barack Obama yahagaritse ingendo yari kugirira muri Malysia na Philippine mu ndwi buca itangura kubera ikibazo c’ubutunzi muri Leta zunzubumwe z’Amerika.

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu yavuze ko Obama, umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika ari no kwiga niba azobandanya urugendo yari kugirira no muri Indonesia na Brunei. Ico kibazo c’ubutunzi kibaye ubwa mbere mu myaka 17 ishize, catewe n’uko inama zose (nshingamateka na kenguzamateka) zitashoboye kwumvikana ku ngingo y’ubutunzi muri ico gihugu ca rutura.

Abakozi ibihumbi bakaba baciye barungikwa iwabo kuko ibisata bimwe vya Leta vyaciye vyugara.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.