Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA : Candice Swanepoel yatsinze mu mahiganwa y’abakobwa bagororotse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > USA : Candice Swanepoel yatsinze mu mahiganwa y’abakobwa bagororotse

USA : Candice Swanepoel yatsinze mu mahiganwa y’abakobwa bagororotse

vendredi 15 Munyonyo 2013

Ishirahamwe rikora uduhuzu bafatamwo abana « linge » ( Victoria’s Secret ), ryariko rikoresha ihiganwa ryo gutambuka neza ku bakobwa ryita « les Anges toujours plus sexy » kugira rironke uwo rizoshira ku bitambara vyabo mu mwaka uza wa 2014. Ryitabwe nabo bita « les top models les plus hot du moment ».

Nk’uko vyama bigenda, abakobwa bonze bagororotse bo kw’isi nzima « les mannequins les plus sexy de la planète »barahiganwa mu kwiyerekana imbere y’abantu batambuka bishima kugira iryo hinguriro Victoria’s Secret rironke uwo rizoshira ku bitambara vyabo mu mwaka uza wa 2014. Alessandra Ambrosio, Adriana Lima, Cara Delevingne baraho kugira bahiganwe mu gutambuka bukebuke, bizunza umwe wese yerekana ko ariwe mwiza kw ‘isi.

Uwabaye umwamikazi w’iryo higanwa ni Candice Swanepoel ava mu gihugu ca Afrika y’Epfo yahawe agshimwe ko kwambara « le Royal Fantasy Bra », ako nako ni kagahuzu gapfuka amabere gusa kakozwe n’umuhinga Joaillier Mouawad. Gakozwe n’amabuye y’agaciro nk’inzahabu iifise « 18 carats », ivyo bita « rubis de 52 carats eka n’ayandi mabuye y’agaciro. Ubwoko bugera ku 4 2000 bw’amabuy y’agaciro, bagereranije bufise agaciro k’amahera y’amanyaburaya 10.000 « euros ».

Ku bijanye n’umuziki, ba rutura mu kuvuza umuziki, Taylor Swift n’umurwi Fall Out Boy, Neon Jungle na A Great Big World ntako batakoze kugira ibirori biryohe. Ku bakunzi ba mwene izo ntambuko « defile des anges plus sexy»izoca ku mboneshakure ya CBS igenekerezo rya 10 Kigarama uno mwaka.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.