Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA:Uwagirizwa ubwicanyi mw’ishengero i Charleston yafashwe n’igipolisi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA:Uwagirizwa ubwicanyi mw’ishengero i Charleston yafashwe n’igipolisi

USA:Uwagirizwa ubwicanyi mw’ishengero i Charleston yafashwe n’igipolisi

vendredi 19 Ruheshi 2015

Dyllan Roof,umusore w’umuzungu ,w’imyaka 21,yagirizwa kuba ariwe yakoze uwbicanyi bwahitanye abantu 9 mu rusengero risengeramwo abirabure mu gisagara ca Charleston aramaze gufatwa n’igipolisi.

Dyllan Roof yafashwe ku muhingamo wo kuwa kane igenekerezo rya 18 Ruheshi,ari mu modoka.Tafashwe n’igipolisi amaze kugenda inbirometero bitari bike ahunga.

Igipolisi camenyesheje ko,imbere yo gukora ubwo bwicanyi,Dyllan Roof yamaze nk’isaha ari muri urwo rusengero,hanyuma atangura kurasa amasasu menshi mu bariko barasenga.

Mu bahitanywe n’ico gitero,harimwo umupasitori w’iryo shengero Clementa Pincnkney.

Mw’ijambo ryaciye ku mboneshakure inyuma gato y’aho igipolisi kimenyeshereje ko cafashe uwo cikeka ko yakoze ubwo bwicanyi, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama, yavuze ko ubwicanyi buhitana abantu benshi butakibaho mu bindi bihugu biteye imbere.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.