Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA yemeje urupfu rwa Hadji Moutazz umwe mu ndongozi za EI - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA yemeje urupfu rwa Hadji Moutazz umwe mu ndongozi za EI

USA yemeje urupfu rwa Hadji Moutazz umwe mu ndongozi za EI

samedi 22 Myandagaro 2015

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko Hadji Moutazz yagira kabiri mu urwi wishinze gushinga Reta ishingiye ku mategeko ya Islamu yishwe mu gitero c’indege za Amerika kw’igenekerezo rya 18 Myandagaro 2015.

Mw’itangazo ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 21 Myandagaro,biciye ku muvugizi wavyo,ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyamenyesheje ko Hadji Moutazz yishwe ari mu modoka hafi y’ahitwa Mossoul,ari kumwe n’uwujejwe kumenyesha amakuru Abou Abdallah.

Hadji Moutazz yafatwa nk’uwuza mu kibanza ca kabiri,niwe yagenzura ibikorwa vy’intambara mu muhari wishinze gushinga intwaro zishingiye ku mategeko ya Islamu,bivugwa kao ari nawe yatumye uwo murwi umenyekana cane.

Abashakashatsi bavuga ko urupfu rwa Hadji Moutazz ataco ruhindura ku gikorwa c’umurwi EI kuko winjije abarwanyi benshi bashobora kumusubirira,harimwo abahoze bakomeye mu gisirikare ca Saddam Hussein.


IGIHE

Messages

  • Ariko bishe umugizi wa nabi umwe bokwirirwa barabitangaza kandi haba hasigaye abandi beshi? yaha Sadam Houssein raba baramwishe ariko abo bakorana barasigaye. Obama Bin Ladden baramwishe ariko al kaida yarabandanije. Coronel Kadhafi barakumbitse babicishije kuri ba nsumirinda baba mu gihugu ciwe ariko ntibamaze abayoboke biwe. ahubwo nimba bofata indege ikava muri America bakagenda bishe umwe gusa nabone impinga izobabana ndende

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.