Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Utari umugenzi wiwe kuri facebook, ntiwinjira mu kirabo ciwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Utari umugenzi wiwe kuri facebook, ntiwinjira mu kirabo ciwe

Utari umugenzi wiwe kuri facebook, ntiwinjira mu kirabo ciwe

mardi 27 Myandagaro 2013

Umunyamerika yitwa Tony Finnegan afise ikirabo, yarafashe ingingo yo kwankira kwinjira mu kirabo ciwe umuntu wese batari abagenzi kuri facebook yiwe. Ivyo kugira agabanure igitigiri c’abaza kunywera muri ico kirabo ciwe na cane cane ababa baborewe.

Tony Finnegan, nyene ikirabo Finnegan’s Pub & Grill de Stockton kiri muri Leta ya California muri Leta Zunzubumwe z’Amerika, yarafashe ingingo yuko kuva isaha 3 z’ijoro atamuntu yinjira muri ico kirabo ciwe batari abagenzi kuri facebook. Avuga ko yafashe iyo ngingo kubera “yahaze” ko abantu baborewe baza barinjira mu kirabo ciwe. Kandi ngo ninokugira agabanure abinjira muri ico kirabo ciwe.

Isaha 3 z’ijoro zirumanye, uwugomba kwinjira wese abanza gutenyenya maze uwujejwe umutekano kuri ico kirabo (Finnegan’s Pub & Grill de Stockton) akaraba neza ko koko uri umugenzi wa sebuja kuri facebook canke uri mu bakunzi ba “page facebook” y’ubwo bunywero. Umukiriya asanze atarimwo ntaba acinjiye. Ubu ubwo “page facebook” y’ubwo bunywero ikaba igeze ku bakunzi 4000. Tony Frinnegan, nyene bwo buywero, akaba ageze kubagenzi 10 000 kuri facebook yiwe. Tony Frinnegan ati: "Facebook ni igikoresho co kugabanya igitigiri c’abinjira mu bunywero bwanje ntaribwigere mbona".


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.