IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uturwi tw’abasuma turagisibije mu Bwiza

Uturwi tw’abasuma turagisibije mu Bwiza

jeudi 5 Nyakanga 2013

Muri komine Bwiza iri mu gisagara ca Bujumbura, ubusuma bugirwa mu masaha y’umugoroba burateye isibe, ndetse abanyagihugu bo muri iyo komine bakavuga ko hari amabarabara ubu bariko baraheba gucako na cane cane kuva igihe c’isaha zibiri z’ijoro.

Amabarabara avurwa cane, n’ibarabara rya gatanu mu Bwiza, ndetse n’iry’icumi muri iyo komine nyene. Ababa muri iyo micungararo, bavuga ko hari abana b’udusoresore biyerereza, abo nyene ugasanga aribo biba. Iyo komine rero ibamwo abantu b’imice yose, ndetse ubu ho n’abana bo mu mabarabara bava mu gihugu kibanyi ca Kongo barahaba. Abanyagihugu twayaze muri iyo komine ya Bwiza, batumenyesheje ko ico kibazo c’abasuma kizwi, ariko ko atagikorwa, ndetse baca batanga akarorero k’urwaruka rutandukanye ruba aho bita kwa Roza, kw’ibarabara rya kane, urwaruka rutagira ico rukora, rwirirwa rwicaye, bakaba bibabaza ko aribo biba mw’ijoro.

Muri iyo komine rero, kuva mu masaha y’umurango, uruja n’uruza rugenda neza, abantu bamwe bariko baradandariza kw’ibarabara, abandi bicaye imbere y’amanzu, ubona ko ubuzima bugenda neza, batekaniwe, ariko bwamara guhwibira, abasuma nibo usanga batanguye kugenzura ayo mabarabara, nk’uko bivurwa n’umwe yayaze n’ikinyamakuru IGIHE.

Abakarirwa rwose rero ni abakenyezi n’inkumi, kuko bobo bakwa amasaho, imigufu y’agaciro hamwe n’impeta zikozwe mu butare buzimvye. Abanyagihugu rero bakaba basaba abarongoye iyo komine co kimwe n’abajejwe umutekano, ko bokora ibishoboka bagahasha imirwi y’abasuma iyogomvya abanyagihugu bo muri iyo komine.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.