IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uwagandaguye ababikira b’abatariyanokazi batatu yasiguye icabimutumye

Uwagandaguye ababikira b’abatariyanokazi batatu yasiguye icabimutumye

mardi 9 Nyakanga 2014

Christian Claude Butoyi w’imyaka 33 y’amavuka aremera ko ariwe yagandaguye abanje gushurashuza ababikira batatu b’abatariyano bakorera kuri paruwasi Guido Maria CONFORTI yo muri komine Kamenge. Uwo apfungiwe mu giporisi kw’i Jabe asigura ko yabagandaguye kubera yari abanyamahanga bakorera mw’itongo ryiwe.

Igiporisi c’Uburundi, ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, cerekanye umunyagihugu yafashwe yagirizwa ko ariwe yagandaguye ababikira batatu bo mu muryango w’abasaveri. Helmenegilde Harimenshi, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko bamufashe bahawe amakuru n’abanyagihugu bari babonye umuntu ariko agurisha terefone ngendanwa yarimwo ubutumwa bugufi (sms) buri mu rurimi rw’igitariyano. Abo banyagihugu baciye batabaza abajejwe umutekano, babajije uwo yariko agurisha iyo terefone ngendanwa ababwira ko yayiguriye uwitwa Christian Claude Butoyi. Igiporisi caciye gitangura kumurondera, akaba yafashwe mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere rishira iryo kuwa kabiri.

JPEG - 50.2 ko
Terefone ngendanwa, hamwe n’ibuye ryakoreshejwe mu guhonda mu gahanga abo babikira b’abatariyano

Uwagirizwa aravyiyemerera wenyene

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Helmenegilde Harimenshi amenyesha ko mu bibazo uwo yagirizwa yabajijwe, vyose yavyishuye nk’umuntu akomeye, kandi akaba yiyemerera ko ariwe yagandaguye abo babikira abanje kubashurashuza. Christian Claude Butoyi avuga ko yabagandaguye kubera bakorera mw’itongo ryiwe. Abajijwe igituma atigeze yitura ubutungane kugira asabe ko yohabwa ico kibanza yita rwiwe, Christian Claude Butoyi asigura ko atigeze abironkera umwanya. Igihe abaporisi bamwerekana, Christian Claude Butoyi ntiyigeze aboneka ko hari ubwoba yari afise, mbere bikaba vyaboneka ko kuba yatawe muri yompi ataco vyari bimubwiye.

JPEG - 45.4 ko
Jean Christian Butoyi, yagirizwa kuba ariwe yagandaguye ababikira batatu b’abatariyano

Abanyezamu nabo nyene bagipfunzwe, bo kuri paruwasi Guido Maria CONFORTI ahakorera abo babikira baremeza ko bari babonye muri ico kigo uwo yagirizwa ico caha, imbere y’uko iryo bara rirwa. N’ishati yuzuye amaraso yari yafatiwe ahagandaguriwe abo babikira, Christian Claude Butoyi aremeza ko ari rwiwe, akavuga ko yari yayisize kubera yari yacafuye. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko Christian Claude Butoyi yafatanwe urufunguruzo rw’aharara abo babikira, akaba yasiguye ko yari yateguye kwica bane, ariko kubera yishe batatu gusa, yashaka kuzohava agaruka kwica uwo wundi yari asigaye.

JPEG - 40.9 ko
Helmenegilde HARIMENSHI, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Helmenegilde Harimenshi avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko amatohoza akibandanya kugira bamenye abandi boba bari kumwe na Christian Claude Butoyi, hamwe n’ibindi vyoba vyaratumye abo babikira batatu b’abatariyano bagandagurwa. Abanyagihugu basabwe kubandanya bakorana n’abajejwe umutekano, bumvise amakuru bayatange. Ku bijanye n’umutekano w’abasigaye kuri paruwasi Guido Maria CONFORTI, mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bongereje abacungera umutekano, abakorera aho kuri paruwasi Guido Maria CONFORTI bakaba nabo basabwe guhindura imfunguruzo (cellules) z’imiryango yose yo kuri iyo paruwasi.

JPEG - 39.6 ko
Jean Christian Butoyi, yagirizwa kuba ariwe yagandaguye ababikira batatu b’abatariyano

Egide Nduwimana

Messages

  • ico nikinyoma cambaye ubusa .uwugatatu yamwishe gute ??yaciyehe abapolice??kwatavyo yavuze???iyo yakuye ifuguruzo umbwambere???????iryo buye yaciye aritahana eeeeeeee?????? inama nkuru yibihugu 5 idasazwe yakoranye ejo kukibazo cuburundi kugira bagifatire ibihano .;none muciye mugira ubwiba kuko muzi ukuri ?????mbega iryotogo yavuze abantu baba mukamenge barazi ko harirwiwe????urumva ko arumusazi rero ko yiheshera!!!!kandi.mwanditse muvuga kwakomeye mumutwe!!????jiyo mujaja iyo bubu ubwumwe bwari ikindi

  • hewe ateyisoni pee!! aho ntabwoba yumva???

  • Turakomeje gushimira igipolisi cigihugu cacu, ariko bakomeze amatohoza kuko uvyico gikoko muntu kivuze siuvyo, kukonumwana abaziko ahari ikibanza cididini Catholic kw’Isi yose ko haba atarahumuntumwe ahubwohaba arahumu Catholic wese iyavakagera.

  • IMANA IFIS’UBUBASHA YO YEREKANYE UWO MWICANYI. Dusavye ubutungane buheshe icubahiro igihugu cacu.MANA TURAGUSAVYE WAKIRE ABASAVYI BAWE.

  • aba DD turabiyamirije !!!!!! piter niyihe Ubuki ningoga!!!!!!!!!!!!!!!!!!! Kuko kuntwaro yiwe habaye ibara.....................!!!!!!!!!!!!!!!

  • uwishe ba babikira batatu b’abataliyano mu Kamenge, igipolisi camufashe, ariko hasigaye gufatwa uwari yamutumye ariwe CIRAMUNDA RICHARD DERVAUX yandika kuri Bujumbura.be kuko niwe yaguma ajuragiza abantu kugira ntafatwe

  • Youhu nikinyoima cambaye ubusa nisiguro ziwe ntizishemeye nagato mwaba dd muraruzanye nabanyamahanga kwica imana ibaharire mubugingo mwayo murateye isoni uburundi ntaho vyakabaye kuva twikukiye muri bipfu nimujiyo ntakuri kuraho pe!

  • Ni agahomera bunwa!!! Ariko ivyo ni ibiranga ibihe vy’iherezo nk’uko dusoma muri 2tim 3,1-5

  • None bamurindirije iki?nibamuduheeeeeeee bareke kunyegeza uwakoze akabi kabishe nkako!!!!!

  • None bamurindirije iki?nibamuduheeeeeeee bareke kunyegeza uwakoze akabi kabishe nkako!!!!!

  • Iki kiginga nticyari cyonyine mukibaze kivujye neza abagitumye mbere abanyagihugu baramuzi mubisanzweakoriki? mudusobanurire

  • Igipolisi ndagishimiy ingn cihus mumatohoza! Ubon iyo kignz uko no kuri MANIRUMVA! Ndibuts w yar umurundi! Nibab bagira nuko kubantu bo7 batarinz kurab urukoba, umugambw n’ibindi

  • Amakenga gusa.har,uwatagaje ko ari abanyarwanda babiri ari muribo?none matin igipolisi ko cari cuzuye kwa buyengero kandi bamufashe 2h du matin bari baje gukora iki?reka turindire amatohoza

  • ndababajwe n’izo nzirakarengane. ibisigaye n’imana izihanira abicanyi.Toto zizi ikuri.ntirenganya kandi ihanira igihe cayo!!!!!!

  • ahubwo nawe nibamwice nibamujana mugasho ntaco bazoba bafashije uburundi ndetse natwe abarundi

  • ikibazo camatongo reta nigihagurukire bitabayeg gutyo nibagure amabohero.

  • Abarundi twari dukwiye gusaba igihugu ca Italie kikagira Test ya ADN yuwo muntu avuga ko yakoze ubwo bwicanyi hama dusanze arivyo aba Police bacu tukabaha ikidari kubona inkozi yikibi nkiyo imenyekana mumasaha 24 .Emwe nukuri police yoca iba iyambere kwisi he heeee

  • Akwiye guhanwa bimwe vyakarorero!

  • sha uwuserukira uburundi mububirigi ya vuze ukuri soma ikaze iwacu PTR ntutinye kuko nururimi ruba mumenyo kandi bikabana ukonyine

  • yewe namba iyo nkozi yikibi imenyekanye mu gihe nkico gukubita urugohe ku rundi police yacu ni ya mbere namba ata kajede karimwo! !!!

  • Ariko murabona isi itari kumusozo koko nugusenga naho abantu ntibagitinya ibyaha kuko babigize akamenyero ngaho mu Rwanda auwaho ahitanye batanu kandi nawe byagashinyaguro none nabaturanyi bacu uwaho ahitanye batatu nabyo bijya gusa nibyo biragoye peeeeeeeee

  • Nizeye ko abavugaga ko ari u Rwanda ruri inyuma y’ubwo bwicanyi babonye ukuri! twe dukora ibyubaka gusa!

  • NIBAGERAGEZE BARABE NEZA KUKO IVYOBINTU NDABORA HARIMWO IGIPFUNGU KIDASOBANUTSE NIBASABE UBUTARIYANO BUKORESHE ADN KURUWO YEMEZA BARABE NEZAKO ARIWE HAMA BAKORE IBIKWIYE.

  • Nibatubwire aho iryo buye baritoye n’ukugene yishe uwugira gatatu kandi hari haraye igipolisi.j ndabona atari wenyene kabisa.arko mbaye ndashima kubimaze gukorwa na police

  • ego nimba yarabikoze nahanwe . Ariko sinemera ko yoba yari wenyene kuko kwica abantu batatu kandi ubanje kubashurashuza ntiwobikora uri wenyene. ivyo mugiswaili tuvyita "DANGANYA TOTO"

  • Emwe imana yihanganye kera nitabare abantu bayo.ahandi ho uburundi burahumanye kand ivyo uwo mubisha avuga bigoye kwemera kuk umenga hari ikinyegezwa bakwiye kuronderera nahandi bokwikeka.

  • Emwe ivya kino gihe mu Burundi biragoye muga rero police nihaguruke inye ubwicanyi kandi noneho barakuye nihano co kwica!

  • kubwanje mbona k’ivyo bintu bitumvikana.

  • none ababesheraga u Rwanda??

  • Birababaje kubonabafata Umusazi akaba ariwe batwereka hanyuma bakamubera numuvugizi nibareke abitwibwirire wenyene kumboneshakure hanyuma turabe ingene abitondekanya kwariwe yabikoze.jewe ndumurundi kandi mbamuburundi tuyita NINDE

  • Birababaje kubonabafata Umusazi akaba ariwe batwereka hanyuma bakamubera numuvugizi nibareke abitwibwirire wenyene kumboneshakure hanyuma turabe ingene abitondekanya kwariwe yabikoze.jewe ndumurundi kandi mbamuburundi tuyita NINDE

  • ejo nari nababwiye .uburero nibadusobanurire iyo bakuye ifuguruzo????%irya telephone ?????ntibasubire kuvuga ko bazisanganye umusazi????mbega ibinywamaraso vyaba DD kumwe bica abantu ibusinde nubu basubiye kurementanya imana ihora ihoze ika kwerekana aha.kwisi .raba ingene iberekanye atawarabizi kwaribo babikoze komera manaaaaaaaaaaaaaaanaaaaaaaaaaaaaaaa

  • Kubwanje bomubaza neza icabimuteye ivyihano navyo bisize ubwenge kuko ntawomwica ariko nibamufunge kugira ntiyice n-abandi.

  • aba beshera urwanda iyo noyita kwari jalousie kuko ni nkaba athlètes babiri biruka bahiganwa uwubonako asigaye inyuma agahitamwo gukwega akaguru kamugenziwe yamusize ngo bananigwe bose .reka sigaho gutricha (tricheries)

  • Barundi benewacu!!!!! mwitondeeere ibintu biriko birandikwa bitukisha igihugu kibanyi c urwanda!!!!! ku isi yose no mu burundi hari interahamwe ziriko ziyita abarundi zigacafuza u rwanda bikitwako abarundi aribo bariko barandika ivyo!!!!! twiyamirije interahamwe hamwe n’abarundi bamwe bariko bazifasha novuga abaja biyita mama, mutabazi n’abandi. bariko barondera urwango ku rwanda kdi ntagituma haba urwango. mbe Kagame yabatwaye iki? ko ari uwambere mu gutuza ibiturire muri africa mwe ntivyabankiye? mushitse naho mumubeshera ngo yishe abihaye Imana? sarizwa iyooooo

  • Izo ni interahamwe!!!! mwitondere abantu bariko baracafuza u rwanda biyita abarundi izoni interahamwe. muze murabe abiyita mutabazi, mama, etc....

  • Imana yoyo irabona uwishe abo babikira! Icoduha agahinduka amaraso yabo ntazomwagirize kumusi wurubanza, ahubwo nahinduke yigaye kandi abasabe bamusabire.

  • Mbega abo babikira bibera mu Kamenge uRwanda rubazi gute? Rufise izihe nyungu mu rufpu rw’abo babikira? Ronderera iyo iwanyu muve ku rwanda.

  • Mbega abo babikira bibera mu Kamenge uRwanda rubazi gute? Rufise izihe nyungu mu rufpu rw’abo babikira? Ronderera iyo iwanyu muve ku rwanda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.