IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwagirizwa urupfu rw’umunywanyi wa Rwasa Agathon yambitswe izera

Uwagirizwa urupfu rw’umunywanyi wa Rwasa Agathon yambitswe izera

mardi 3 Ruheshi 2014

Edouard Ntawuzahihera, umunywanyi wa FNL ayoboka Rwasa Agathon yakuweko icaha yahora akurikiranwako c’ukuba ari mubagandaguye Datus Nshimirimana, umunywanyi wa FNL ayoboka nawe nyene Rwasa Agathon.

Inyuma y’iminsi umunani Edouard Ntawuzahihera, umuyoboke wa Rwasa Agathon ari mw’ibohero, ubutungane bw’Uburundi bwafashe ku muhingamo wo ku munsi w’ejo ingingo yo kumurekure yambikwa izera. Edourd Ntawuzahihera yari yafashwe yagirizwa ko ari mubagandaguye Datus Nshimirimana, umunywanyi wa FNL ya Rwasa Agathon. Kuva agifatwa, incuti n’abagenzi biwe baragerageje gusigura, bongera berekana n’ivyemeza ko umuhisi Datus Nshimirimana yagandaguwe Edouard Ntawuzahihera atari i Bujumbura.

JPEG - 8.7 ko
Umuhisi Datus Nshimirimana

Nshimirimana Datus yari umunywanyi wa FNL ya Rwasa Agathon. Kw’igenekerezo rya 11 Rusama 2014, uwo munywanyi yabonanye na Rwasa Agathon ku rugo iwe, bakaba bavanye nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo ine. Urupfu rwiwe rwameyekanye nk’isaha zibiri z’ijoro, bikavugwa ko yoba yanyurujwe n’abantu bamutegereye avuye aho ku rugo rwa Rwasa Agathon, bakamujana muri muri quartier Gisandema ya kabiri, muri komine Gihosha, ari naho yagandaguriwe n’abantu bataramenyekana, bakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa pistolet bamurasishije mu mutwe.

Tubibutse ko umuhisi Nshimirimana Datus, uretse ko yari umuyoboke wa Rwasa Agathon, yari ajejwe kandi ingendo ziwe (chargé de protocole), nk’uko twabibwiwe n’umwe mubagize umurwi w’abantu umunani bariko bagerageza gusubiza hamwe amashami abiri ya FNL, aho mukamenya ko n’umuhisi Datus Nshimirimana yarimwo.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.