IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Uwurongoye ikinyamakuru Syfia Grands-Lacs mu Burundi yafashwe nabajejwe (...)

Uwurongoye ikinyamakuru Syfia Grands-Lacs mu Burundi yafashwe nabajejwe iperereza

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Ntawuramenya ico yafatiwe ariko yafashwe n’gipolisi c’iperereza kimusanze mu biro iwe kuri uyu wa gatatu ku mugoroba. Desire Nshimirimana yajanywe aboshwe gufungirwa mu biro vy’iperereza.

Igipolisi c’iperereza camusanze mubiro iwe mu kigo c’abamenyeshamakuru Maison de la Presse inyuma y’umutaga kuri uyu wa gatatu. Desire Nshimirimana yavuze ko atazi ico yafatiwe kuko ntivyari vyanditse ku mutahe wo kumuhagarika.

Abapolisi bamufashe barikumwe n’umukozi wo mw’iperereza Emmanuel Nsabimana yahoze arongoye iradiyo RPA, yarakoze kandi mu kinyamakuru IWACU imbere yuko aja gukora mw’iperereza.

Yagiye aboheye amaboko mu mugongo n’amapingu. Yagiye gufungirwa mu biro vy’iperereza.

kw’ifoto:Desire Nshimirimana, arongoye ikinyamakuru Syfia Grands-Lacs mu Burundi


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru k,untwaro y,aba C .N. D .D F.D.D NTABWO UBUZIMA BUBANDANYA KUZIMBA MU BANYAGIHUGU NONE MWUMVA TWEBWE ABARUNDI TURI HANZE Y,IGIHUGU TUZOKWIYUMVIRA GUTAHUKA GUTE MU GIHUNGU ATA BWIGENGE BWA BENE GIHUGU BUHARI

  • ntako wanyimye akazi ugakora vyakimenyane nawe urambabaj!mbega iryo perereza ritagira izina nabakorayo ntazi ingene bameze umenga bifata nkabakiri mwishamba bagutwara nkumuhimbiri batanakubwiye ico uzira??bitwra bunyamaswa sinzi ko bibaza kuburundi bwoose ari ikibira bafata abanyagihugu nkibikoko bakoza ico bashaka!!ewe Mana ntako justice burundaise ikoreshwa twizeye ko la justice divine mutazoyiva imbere basha rindira kndi ummutima wanje uremeza ko muzosarura ibibi mukora mukiri aha kwiyisi pe!!rindira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.