IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Uwuserukira abanyeshure ba Kaminuza ariyamiriza abavuga ko yapfumbatishijwe

Uwuserukira abanyeshure ba Kaminuza ariyamiriza abavuga ko yapfumbatishijwe

mercredi 23 Ndamukiza 2014

Umwe mu banyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi, Epitas Ndayambaje amenyesha ko abanyeshure bo muri kaminuza za Reta bosubira ku mashure bakitaba akamo batewe n’umukuru w’igihugu ari naho ibiganiro basaba vyogira inguvu. Epitas Ndayambaje arabeshuza kandi amakuru avuga ko yoba yarapfumbatishijwe.

Epitas Ndayambaje, umunyeshure aherutse gutera akamo abandi ko kuja mu mashure ariko bikavugwa ko atagiye inama n’abandi, asigura ko icatumye abahamagara n’uko umukuru w’igihugu yerekanye neza ko afise ugushaka kwo gufata mu minwe ikibazo c’abo banyeshure, mu gufuta ingingo zindi hagasigara ingingo ya 24 yonyene ivuga ko umunyeshure asubiyemwo umwaka adasubira kuronka agafashanyo. Uwo munyeshure ari mubaserukira abandi amenyesha kandi ko inyuma y’umubonano w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri yagiranye na bamwe mu barongoye amadini, abatari bake babahanuye kuja mu mashure, ibindi bakabisaba ariyo bari. Uwo munyeshure rero avuga ko karya kamo yateye abandi atagateye wenyene, ahubwo yoba yari kumwe n’abandi batatu bari kumwe mu guserukira abandi havuyemwo uwitwa Arakaza Arsène.

JPEG - 14 ko
Umwe mu banyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi, Epitas Ndayambaje

Uwo munyeshure abandanya avuga ko ingorane yahabaye ari uko batafashe umwanya wo kubitahuzanya n’abandi banyeshure. Abandanya ashikiriza ko afise amakenga ko nibaguma muhira bakagwiza n’ubusa utwigoro twakozwe, umukuru w’igihugu ashobora kutigera abakira, aho naho n’ibiganiro bisabwa vyoba biguye mu mazi. Ku vyerekeye naho ko yoba yarafumbatishijwe, Epitas Ndayambaje avuga ko bimutwenza cane kuko avyumvana abandi ku bwiwe akabifata nk’ibinyoma.

Epitas Ndayambaje amenyesha agiye gukora ibishoboka vyose kugira icuka kibi kihari kihave, kandi ntihagire ibibacamwo imirwi, yaba ubwoko, imigambwe n’ibindi. Asaba abanyeshure bagenzi biwe gutekana mu bwenge, babaze umutima ico bokora muri kino gihe havugwa vyinshi.

Tubamenyeshe ko nubu abanyeshure batitavye akamo ko kuja mu mashure, uno munsi ukaba ugira gatatu kw’isango umukuru w’igihugu yari yatanze.


Floxella Karire

Messages

  • Yarariye ruswa ariko azoruruka!! twe ntitwohendwa n’umwana muto nkuyo!!nateshwe ate!!

  • Wwe ceceka ureke vyakunaniyekurongrabandi bakubwiye ko leta ibabaye ibiganiro?ibababye aryamahera
    mbe kuvaho yavugye ibiganiro nimigambwe itavuga rumwe nubutegetsi havuyemwiki?ivyobafunditse mu kayanza wombwira ico leta yakoze?ntubona karumwanya bataye?wenawe utemeye gusubira kumurongo nkabandi nuko wogenda muri dd

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.