Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwushaka kugabanirizwa ibiciro abanza gusenga imbere yo kurya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Uwushaka kugabanirizwa ibiciro abanza gusenga imbere yo kurya

Uwushaka kugabanirizwa ibiciro abanza gusenga imbere yo kurya

jeudi 7 Myandagaro 2014

Inzu y’uburiro yo mu ntara ya Carolina y’Epfo muri Zunze Ubumwe z’Amerika iragabanye ibiciro ku banywanyi bayo, ariko ibiciro bigabanuka ku banywanyi basenga imbere yo kurya. Hari ababona ko iyo ngendo atari nzinza kuko abantu bose batabwirizwa gusenga kandi bakeneye kugabanirizwa ibiciro ku rugero rumwe. Hari n’aberekana ko bariko basenga ariko bashaka ko babagabanya amahera.

Haheze imyaka ine inzu y’uburiro iri mu ntara ya Caroline y’Epfo yitwa "Mary’s Gourmet Dine" igabanya ibiciro ku banywanyi batangura gukubita urumenyetso bagasenga imbere yo kurya. Ku mahera bari gutanga bagabanirizwa ibiciro 15 kw’ijana.

Marie Haglund icegera c’uwurongoye iyo nzu, amaze kubazwa igituma babigira uko asigura avuga ko babigira kugira barabe abanywanyi baha iteka indya zabo, kuko nta tangazo rivuga ko uwubanje gusenga agabanirizwa ibiciro, baraba uwibwirije.

Aba n’abandi bo muri ako karere ntibavyumva kumwe, bamwe bati :" Mbega bodusigurira ko bamenya uwasenze n’uwutasenze? Uko ni gusuzugura abadasenga, nta ciyumviro na kimwe codusigurira uko mubimenya kuko hari abasenga mu gacerere".

Marie Haglund yishura avuga ko gufata umwanya umuntu agasenga canke akisuzuma bikenewe kuri bose. Uwo nyene aratunga agatoki bamwe mu bakozi biwe birengagiza kugabaniriza ibiciro abasenze.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • ivyo bintu nivyambere kuko gusenga nivyiza imana irakuraba aho yiberey mwijuru ikanezerwa niyo mpamvu uwoshaka yosenga kugira anezereze imana.

  • Ubwo buriro burakwiye kwegerezwa abantu bose kugira bibuke uwabaremye kenshi. Je ntakosa ndabibonamwo mugihe bagabaniriza ibiciro uwusenze, batadugiriza uwudasenze. None wewe bagabanirije igiciro uwundi bigutwara iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.