IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uwutwara umugambwe FNL mu Rumonge yanyurujwe

Uwutwara umugambwe FNL mu Rumonge yanyurujwe

mardi 21 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’umugambwe FNL mu ntara ya Rumonge ntawuzi irengero ryiwe kuva mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere. Emmanuel MINANI batazira KANA yanyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bamusanze mu bunywero mu Gatumba, aho yariko asangira urukanwa na bagenzi we nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro.

Abo bantu bitwaje ibirwanisho bari bambaye impuzu zisanzwe (Tenue civile) bashitse babwira abari kumwe n’uwo yanyurujwe ko bobakurikira. Bose uko bari batandatu baciye bajanwa berekeza mw’ishamba rya Rukoko.

Inyuma y’amasasu menshi yumvikanye, batanu mubari bajanye na Emmanuel MINANI bararekuwe, ariko uwo arongoye umugambwe umugambwe FNL mu Rumonge akaba atagarutse.

Mu muryango wiwe amakenga ni menshi, bagasaba igiporisi ko hokorwa amatohozwa, abanyuruje uwabo bamenyekane, yongere arekurwe. Igiporisi kikaba caciye gita muri yompi abo bari bafatanwe hamwe nawe mu nyuma bakarekurwa, mu giporisi bagasigura ko ari ku mvo z’amatohoza.

Jacques BIGIRIMANA, umukuru w’umugambwe FNL ku rwego rw’igihugu nawe nyene asaba igiporisi ko amatohoza yokorwa, akavuga ko uwo Emmanuel MINANI yari amaze iminsi arungikirwa ubutuma bumutera ubwoba.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.