Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vatikano: Haravugwa igiturire n’abashigikiye abahuza ibitsina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Vatikano: Haravugwa igiturire n’abashigikiye abahuza ibitsina (...)

Vatikano: Haravugwa igiturire n’abashigikiye abahuza ibitsina babisangiye

jeudi 13 Ruheshi 2013

Bivugwa ko Papa Francois yoba yashikirije ko mu bategetsi ba Vaticano harimwo umurwi w’abantu barya ibiturire kandi bashigikiye abahuza ibitsina babisangiye.

Bivugwa ko yoba yavuze ayo majambo y’inkoramutima mu mubonano n’umugwi w’abihebeye Imana bo muri Amerika y’epfo.

Banditse icegeranyo c’ivyo bayaze ubu rero gisa n’icanyerejwe kigashika mu minwe y’urubuga rwa internet rwo muri Chili rwaciye rugisohora.
Ku bw’urwo rwandiko , Papa yavuze atarya umunwa na gato igihe yariko aravuga ibibazo biri muri Vaticano.

Bivugwa ko yabwiye abari bamugendeye ko hari abantu bameze neza kandi beranda mu bakora I Vaticano, ariko ko hari n’abandi barya ibiturire.
Binavugwa ko yavuze kandi ko aho muri Vaticano nyene hari abashigikiye abahuza ibitsina babisangiye.

Mu kwezi kwa kabiri ibinyamakuru vyo mu Butaliano vyari vyanditse bivuga ko abihebeye Imana bahuza ibitsina n’abo basangiye ibitsina bakorera hamwe kugirango inyungu zabo zironke ikibanza mu ntwaro ya Vaticano, kandi ko bamwe bagira ibibazo vy’ababatyoza.

Abategetsi ba Vaticano bakaba bahakanye ivyo bivugwa yivuye inyuma.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.