Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vatikano : Insiguro y’umwotsi umenyesha ko umu Papa mushasha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Vatikano : Insiguro y’umwotsi umenyesha ko umu Papa mushasha (...)

Vatikano : Insiguro y’umwotsi umenyesha ko umu Papa mushasha yatowe

jeudi 14 Ntwarante 2013

Abantu batari bake baribaza ingene hakorwa umwotsi uduga mu kirere ku gasengero ka Sixtine kari i Vatikano, iyo umu papa mushasha ahejeje gutorwa.Abandi bakibaza insiguro y’umwotsi wirabura n’ingene ukorwa, hamwe n’insiguro y’umwotsi wera , n’ingene ukorwa. Ariko nta gitangaza kirimwo ngo biva ku bushakashatsi.

Harimwo ubuhinga mu buryo Vatikano imenyesha itorwa ry’umupapa.

JPEG - 26.7 ko

Mu gihe abakaridinari 115 bari biyugaranye bariko baratora umu papa azosubirira papa Benedigito wa 16, ku gasengero Sixtine haguma hafumba umwotsi wirabura, uwo nawo ukaba utanga ubutumwa bw’uko umu papa mushasha ariko aratorwa, abari mu matora bamaze kumuhurizako, ishengero ry’abakirisu baba bahanze amaso uwo mwotsi uriko uraduga mu kirere baza babona umwotsi uhindutse ukera.

Umwotsi wera ni ikimenyetso c’uko umu papa ahejeje gutorwa.

Uwo mugirwa ukaba umaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi ariwo bakoresha mw’itorwa ry’aba papa, mbere n’abantu bakaba bamaze kubimenyera.

Uwo mwotsi rero ngo ukorwa mu makarata y’amatora abo bakaridinari baba bariko barakoresha.

Ku kibazo c’uko umwotsi uduga wera canke ukirabura naho, baca bongeramwo ibindi bituma umwotsi uza wirabura canke ukera bivanye n’uko babishatse.
Mu kuronka umwotsi wera basukiranya n’ivyatsi bibisi, kugira baronke umwotsi wirabura naho bashiramwo ikaburimbo.

Vatikano ikaba yamenyesheje ko kugira uwo mwotsi uze wirabura basukiranya ivyo bita Perchlorate de potassium, anthracène na soufre, umwotsi wera nawo ukava muri Chlorate de potassium, lactose hamwe na colophane.

Bamwe n’abandi bakaba bibaza igituma ico kimenyetso c’umwotsi wera n’uwirabura, arico cama gikoreshwa mu kwerekana itorwa rya papa kandi ubuhinga bwarateye imbere, boshobora gukoresha ibindi bimenyetso vyiza gusumba.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.