Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Venezuela: Intsinzi ya Maduro iremezwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Venezuela: Intsinzi ya Maduro iremezwa

Venezuela: Intsinzi ya Maduro iremezwa

lundi 15 Ndamukiza 2013

Nicolas Maduro, umugabo yagenywe n,umuhisi Hugo Shavez kumusubirira, bivugwa ko yatsinze amatora arushije mukeba wiwe munsi ya 2%.

Uwaserukiye uruhande rutavuga rumwe na leta mur’ayo matora Henrique Capriles, yavuze ko atazokwemera ivyavuye mu matora.

Avuga ko umurwi umushigikiye ufise urutonde rw’ ibigera ku 3000 bitagenze neza agasaba ko guharura vyosubirwamwo.

Nicolas Maduro yasavye abanyagihugu gutekana, n’uko ivyavuye mu matora bikubahirizwa.

Amatora yatumweko inyuma y’urupfu rwa Hugo Chavez yahitanywe n’ingwara ya Cancer kuwa 5 ukwezi kwa gatatu.

Maduro, yahoze ari umushoferi wa bus, yari yagenywe na Hugo Chavez kumusubirira, yatahukanye amajwi 50,7% mur’ayo matora , nayo Capriles aronka 49,1%.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.