Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Venezuela: Umukuru w’igihugu yitavye Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Venezuela: Umukuru w’igihugu yitavye Imana

Venezuela: Umukuru w’igihugu yitavye Imana

mercredi 6 Ntwarante 2013

President w’igihugu ca Venezuela, Hugo Chavez, yar’afise imyaka 58, yaraye yitavye umuremyi.

Yitavye umuremyi inyuma y’igihe kirekire yamaze ahanganye n’ingwara ya Cancer afise imyaka 58.

JPEG - 19.2 ko

Vice president Nicolas Maduro yatangaje inkuru y’urupfu rwa Chavez ejo ku musi wa kabiri. Yarateye akamo abanyaVenezuela, kwigumya no kugira umwete, yongera arabasaba gufatana mu nda, kugira ngo bashobore kurangura iragi ry’umutegetsi wabo kizigenza.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Elias Jaua, yamenyesheje kw’igihugu cose kigiye kumwunamira mu gihe c’imisi indwi. Yavuze kw’umushingantahe Chavez azoba arashinguwe mu cubahiro c’umukuru w’igihugu, kw’ishule rya gisirikare, imbere y’uko haba ibirori vyo kumufuba ku musi wa gatanu.

President Chavez yaramaze igihe avurirwa mu gihugu ca Cuba ingwara ya Cancer, imbere y’uko atahukanwa ku murwa mukuru Caracas mu kwezi guheze.

JPEG - 25.6 ko

Abategetsi bavuga ko yagize infection ikomeye, inyuma y’aho afatiye imiti ya Cancer bita Kimoterapie ari mu bitaro vya gisirikare ku murwa mukuru Caracas.

Umushingantahe Chavez yar’afise ingwara ya Cancer yo musi y’umukondo
Kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, ntiyari bwasubire kuja ahabona kandi ntiyari yagiye mu birori vyo gusubira kurongora igihugu mu kindi kiringo mu kwezi kwa mbere, inyuma aho atsindiye amatora.

Vice president Maduro yarareze ibihugu vyansi vya Venezuela, kw’arivyo vyamuroze ingwara ya Cancer; Yamara ntiyatomoye ngo avuge ukuntu vyagenze.


Jean de Dieu Munyembabazi

Messages

  • urupfu rwiwe rwambabaje cane rwose apfuye akiri muto yaragifise ico yomariye isi n’igihugu ciwe ndibaza,Imana imwakire kandi imubabarire kubitagenze neza mubuzima bwiwe.Tuze turemera ko ubuzima bufise itangiriro hamwe niherezo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.