Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vision 2025 : Umugambi wo gutuza inzara mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Vision 2025 : Umugambi wo gutuza inzara mu Burundi

Vision 2025 : Umugambi wo gutuza inzara mu Burundi

samedi 3 Myandagaro 2013

Mu Burundi ibiharuro bihari, birerekana ko ibice bishika kuri 58 kw’ijana vy’abana bari munsi y’imyaka itanu barwaye indwara zituruka ku gufungura nabi, nka kwashi n’izindi. Ivyo rero bigaturuka ku bukene bwibonekeza mu miryango itandukanye y’abarundi.

Leta y’Uburundi irafise umugambi wo kurandurana n’imizi ubukene, inzara n’indwara zifata abana bakiri bato n’abarundi bose muri rusangi. Haba muri wa mugambi murikiraburundi (vision Burundi 2025) hamwe no muri wa mugambi wo kurwanya ubukene ugira kabiri, ivyo kurwanya indwara zituruka ku gufungura nabi birimwo. Uburundi bwarateye umukono ku masezerano mpuzamakungu yo kurwanya indwara mwene izo, ndetse haherutse kugenwa uwuzoba ajejwe gukurikirana ibibazo vyo kurwiza umwimbu no kurwanya indwara ziturutse ku gufungura nabi. Uwo nawe akaba azokorera mu biro vy’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu. Utwo twose ni utwigoro Reta iriko iragira kugira irandurane n’imizi izo ndwara.

K’ubw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, avuga ko indwara ziva ku gufungura nabi zitabangamira urwaruka gusa, kuko zibangamira n’abavyeyi bibungenze aho bafatwa n’indwara zo gukama amaraso. Abana bari munsi y’imyaka itanu bafungura nabi mu ntara zimwe zimwe, birarenga ibice 58%. Aho rero mu ntara ya Ngozi, ibitigiri vy’abana bafungura nabi bangana ibice 71%.

Hamwe rero ata gikozwe, izo ndwara zishobora gutuma Uburundi butakaza uburyo bungana imiriyoni 102 mu madorari y’abanyamerika ku mwaka, mu kuvuza abana barwaye izo ndwara co kimwe n’abakenyezi bibungenze na rirya basanzwe bavurwa ku buntu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.