Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vital’O na Lydia Ludic Ludic Academic : haburana babiri hagatsinda (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O na Lydia Ludic Ludic Academic : haburana babiri hagatsinda (...)

Vital’O na Lydia Ludic Ludic Academic : haburana babiri hagatsinda umwe

jeudi 18 Mukakaro 2013

Mu rukino rwaraye ruhuje ku mugoroba wo ku munsi w’ejo ku wa gatatu imirwi ibiri Vital’O na Lydia Ludic Academic, yompi yo mu cicaro ca mbere, Lydia Ludic Academic yarirahiye Vital’O bitagoranye ku ntsinzi y’ibitsindo bitatu kuri kimwe ca Vital’O.

Iyo mirwi yose uko ari ibiri ni imirwi yemewe kandi ifise abarorerezi benshi. Urukino rugitangura, abakinyi bose vyaraboneka ko baje biteguye, bashashaye intsinzi. Abasatirizi ba Vital’O basanzwe babica bigacika, ari nabo bigenjeje neza mw’ihiganwa rya CECAFA “KAGAME CUP” nka Tambwe na Mbilizi Christian ntiborohewe na gato kuko abakinyi b’inyuma ba Lydia Ludic Academic, Rugonumugabo Stepfane na bagenzi biwe bari babakenyereye.

Ku munota wa 26, ku mupira mwiza yari ahawe, umukinyi nimero zitandatu wa Lydia Ludic Academic Nduwarugira Christophe yaratsinze igitsindo ca mbere. Ico gitsindo cabaye nk’intango y’umwanya mwiza ku mpande zose kuko wamenze ni nk’agati bakojeje mu ntozi. Urugo rwa Vital’O rwabandanije rusatirwa, aho ku munota wa 34 babahatsa ikindi iyo Kaze Gilbert “Demunga” wa Vital’O atahaba.

Igice ca mbere c’urukino gisigaje iminota itanu ngo kirangire, umukinyi nimero zitatu wa Vital’O, Habonimana Celestin yarinjije igitsindo catumye iyo mirwi yose inganya. Ntivyatevye kuko haheze umunota umwe gusa Freddy Andosango wa Lydia Ludic Academic yaciye nawe asubiriza mu nkoko Vital’O, atsinda igitsindo ca kabiri ca Lydia Ludic Academic.

Ku ruhande rwa Vital’O, bagumye bagerageza ariko biba impfagusa.Umukinyi nimero umunani wa Vital’O, Leopord Nkurikiye batazira “Kaya” aciye ku ruhande rw’ibubamfu yaratanze umupira mwiza benshi bari bazi ko uvamwo igitsindo, ntivyagenda uko.

Hasigaye umunota umwe gusa ngo igice ca mbere kirangire, Nduwarugira Christophe “Lucio” yarinjije igitsindo ca gatatu, baca baja kuruhuka ari bitatu kuri kimwe ca Vital’O.

Mu gice ca kabiri, nta gishasha cashoboye kuboneka kuko iyo mirwi yompi nta n’umwe washoboye kubona izamu ry’uwundi. N’aho Lydia Ludic Academic yakinye ibura abakinyi bayo nka Bangama na Claude bari bafise amakarata atatu y’umuhondo, urukino ruheze, umumenyereza wa Vital’O, Kanyenkore Gilbert “Yaounde” yaremeye ko barushijwe, ahubwo ko iyo Imana idakinga bari kubatsinda n’ibirenga bitatu.

Mwomenya ko iyo ntsinzi ya Lydia Ludic Academic yatumye bava mu kibanza ca kane barimwo, baronka amanota 34, bahamvya Vital’O iri mu kibanza ca kabiri n’amanota 34 nayo nyene.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.