Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Vital’o wahavuye ushika i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Vital’o wahavuye ushika i Bujumbura

Umurwi Vital’o wahavuye ushika i Bujumbura

samedi 6 Mukakaro 2013

Ku va iminsi yari iheze harindiranywe igishika nta ngere umurwi wa Vital’o, abakinyi b’uyo murwi baraye bashitse i Bujumbura, inyuma yaho bivugiwe ko abo bakinyi bagumye babura indege, bakaba bashitse kuri uyu wa gatanu ku mugoroba.

Umurwi w’Intamba mu rugamba urimwo abakinyi b’igihugu, baje biteguriye urukino n’umurwi wo muri soudani kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 7 Mukakaro umwaka w’2013. Uko gucerwa gushobora kwonona urukino rwabo ku musi w’Imana igenekerezo rya 07 Mukakaro 2013, hagati y’umurwi w’igihugu c’Uburundi hamwe n’umurwi w’igihugu ca Soudani kuko muri abo bakinyi ba vital’o, hari abakinyi 5 bakirindiriwe kandi ari nabo bazokina urwo rukino rwo ku munsi w’Imana.

Umuyobozi w’inkino Yohani Vuganeza yamenyesheje ko iryo cererwa ryavuye ahanini ku batunganije iryo higanwa rya CECAFA, kuko iyo iryo higanwa riba ryateguwe na Soudani, igaruka ryabo ryarikuba ryateguwe mu ndwi iheze. Ariko naho biri ukwo urukino bariko bararaba uko urukino rwo ku munsi w’Imana rwogenda neza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.