Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vital’O yaraye ikoze ibitangaza muri CECAFA "Kagame Cup" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O yaraye ikoze ibitangaza muri CECAFA "Kagame Cup"

Vital’O yaraye ikoze ibitangaza muri CECAFA "Kagame Cup"

vendredi 28 Ruheshi 2013

Ku musi w’ejo kuwa kane niho habaye inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma mw’ihiganwa rya CECAFA “KAGAME CUP”. Umurwi Vital’o FC waserukiye igihugu c’Uburundi waraye ukoze ibitangaza muri iryo higanwa aho watsinze umurwi wa Ports yo mu gihugu ca Djibuti ibitsindo 6 ku busa.

Urwo rukino rw’umurwi wa Vitalo’o rwabonetsemwo ubuhinga bwinshi bwa Vital’o kuko basa n’abariko bakina n’umurwi udahari. Abasatirizi ba Vital’o barorohewe cane kandi batsinze ibitsindo vyiza cane, vy’ubuhinga ku buryo abariko bararaba urwo rukino bavuze ko uwo murwi w’Uburundi ufise amahirwe yo kuba wotwara igikombe c’iryo higanwa.

Mu batsindiye uwo murwi wa Vitalo’o harimwo Tambwe yatsinze ibitsindo bitatu wenyene, Mbirizi igitsindo kimwe,Deo nawe atsinda ikindi hama Mjami atsinda ikindi kimwe, urukino rurangira ari ibitsindo bitandatu vya Vitalo’o ku busa bwa Ports.

Vitalo’o yaciye ironka uburenganzira bwo kuzokina igice ca kabiri gishira ica nyuma, aho izohura n’umurwi wa Rayon sports wo mu gihugu c’Urwanda kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya ya 29 Ruheshi 2013.

Urwo rukino rukaba rubandanya kuvugwako n’abantu benshi kuko abarabira hafi ivy’umupira w’amaguru bavuga ko iyo mirwi yose ikomeye ku buryo azoba ari urukino rukomeye muri iryo higanwa, kandi bakamenyesha ko umurwi uzotsinda muri iyo uzoba ufise amahirwe yo kuba yonatwara igikombe ca CECAFA “Kagame Cup”.

Ku mpande z’abamenyereza n’abakinyi b’iyo mirwi bose batangaza ko ata bwoba na buke bafise. Muri Rayon Sports bati : “Nta bwoba dufitiye umurwi wa Vitatalo’o”. Vitalo’o nayo iti : “Rayon Sports ni umurwi ukomeye muri iyi minsi ariko rero nta bwoba tuwufitiye kuko n’uyu murwi twatsinze ibitsindo 6 ku busa nawo wageze mu gice ca kane gishira ica nyuma ataruko woroshe”.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.