Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vital’O yabuze indege ibatahukana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O yabuze indege ibatahukana

Vital’O yabuze indege ibatahukana

jeudi 4 Mukakaro 2013

Vital’O umurwi wabaye uwa mbere mu karere ka Afrika y’ubuseruko wabuze ukuntu wokwiyunguruza ngo utahukane igikombe i Burundi. Mu murwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru naho barahinda agashitsi kuko batandatu muri abo bakinyi bari barindiranwe igishika kuko bategerezwa gukinira "Intamba mu rugamba" mu rukino ruzowuhuza n’umurwi nserukira gihugu wa Soudan kuri uyu w’Imana.

Amakuru yo kwizera ava mu murwi w’umupira w’amaguru Vital’O amenyesha ko inyuma yo gutsinda umurwi wa APR FC kuri uyu wa mbere i Darfur, uwo murwi watwaye igikombe bitiriye CECAFA KAGAME CUP uyu mwaka waciye werekeza ku murwa mukuru wa Sudani. Aho i Karthoum abakinyi n’abaherekeje uwo murwi watwaye ubwa mbere ico gikombe ca CECAFA barabuze indege yobatahukana i Bujumbura, aho bari barindiriwe kuva ku munsi w’ejo kuwa gatatu. Ayo makuru abandanya amenyesha ko abakinyi bose ba Vital’O bakomeye kandi bashaka gutahuka bafate mu mugongo umurwi nserukira gihugu uriko utegura urwo rukino rwo ku munsi w’Imana.

Mu murwi nserukira gihugu INTAMBA MU RUGAMBA barashima iyo ntsinzi ariko ubwoba ntibubuze kuko abakinyi batandatu bose ba Vital’O bakinira n’INTAMBA MU RUGAMBA bakiri i Karthoum muri Sudani mu gihe ikindi gice c’abakinyi imyimenyerezo bayirembeje. Muri abo bakinyi bataratangura imyimenyerezo hamwe na bagenzi babo harimwo umunyezamu hamwe n’abasatirizi basanzwe bahora batsindira umurwi nserukira gihugu.

Amakuru ya nyuma adushikira n’uko umumenyereza wa Vital’O KANYENKORE Yaoundé yoba yategetswe n’abatwara umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru ko yoba araha imyimenyerezo ikomeye abo bakinyi 6 kugira aho bazoshikira hose i Bujumbura bazoshobore gukina hamwe na bagenzi babo kuri uyu w’Imana.


Patrick Wasso

Messages

  • Hahahahahaha birababaje kubona umugwi utera itera iteka I GIhugu ukabura indege ibatahana kubera Inda ndende zokugurisha indege yofashije abanayagihugu APR FC yo mu Rwanda yatahanye na Rwanda Air indege yu Rwanda genda Paul Kagame urumugabo ureke abo ba DDD

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.