Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Volkswagen yemeye ko yabeshe ku biharuro vy’ivyuka imodoka zikoresha amazutu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Volkswagen yemeye ko yabeshe ku biharuro vy’ivyuka imodoka zikoresha amazutu (...)

Volkswagen yemeye ko yabeshe ku biharuro vy’ivyuka imodoka zikoresha amazutu zisohora

mercredi 23 Nyakanga 2015

Uruganda rw’abadagi rukora imiduga, Volkswagen, rwemeye ko rwashize mu miduga imiriyoni 11 utwuma tubesha ku vyuka bihumanya ikirere isohora.

Aho iyo miduga yaba iriko irapimwa barabe ko ivyuka isohora ari bike nk’uko uruganda rubivuga, basanze utwo twuma tubesha gushika ku bice 40 kw’ijana.

Ako kamaramaza kerekeye imiduga ikoresha ibitoro vya mazutu, kahungabanije urwo ruganda rukaba rwaciye rutakaza ica gatatu c’agaciro karwo ku masoko y’imitahe mu minsi ibiri gusa.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi, Angela Merkel, yasavye ko Volkswagen ishira ahabona ukuri kwose, bikaba vyasabwe kandi ko haba itohoza hose ku mugabane wa Buraya.

Volkswagen ivuga ko yashize ku ruhande amahera arenga imiriyaridi indwi z’amadolari yo gukoresha ku ngaruka zitewe n’ako kamaramaza.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.