Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vyinshi ku munsi mukuru wa Noël - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Vyinshi ku munsi mukuru wa Noël

Vyinshi ku munsi mukuru wa Noël

mardi 25 Kigarama 2012

Umunsi mukuru wa Noël ni umunsi uhimbazwa kw’isi yose n’abemera Yesu Kristo nk’umukiza wabo kuko uwo munsi bafata ko ariwo yavukiyeko,ariko benshi muri bo baribaza iyo iryo jambo Noël ryavuye.

Ijambo Noël ntahantu nahamwe turisanga mu bitabo vy’ubutumwa bwiza kuva mu butumwa bwiza uko bwanditwe na Matayo gushika mu butumwa bwiza uko bwanditwe na Yohana. Eka mbere ugiye kubiraba neza iri jambo ntahantu na hamwe urisanga mu gitabo abemera Yesu Kristo nk’umukiza wabo baba abaporoti canke abakatorika basanzwe bafata ko ari igitabo ceranda arico Bibiliya.

Iri jambo ryabonetse ubwa mbere mu mwaka wa 1175. Iri jambo ryavuye mw’ijambo ry’iki ratini dies natalis risigura umunsi w’ivuka, iryo jambo rikaba rikoreshwa umunsi abakristo bahimbaza ivuka rya Kristo,uko imyaka yagiye igenda rero natalis rikaba ryahindutsemwo Nael, nayo urudome O rukoreshwa mw’ijambo Noël rukaba rwavuye ku ndome zibiri a ziri mw’ijambo natalis.

Hari iyindi nsiguro ivuga ko ijambo Noël ryoba ryavuye mu majambo abiri yo mu rurimi ruvurwa muri Gaule akoreshwa mu kwerekana ko izuba riba ryasubiye kuboneka igihe haheze igihe c’imbeho. Muri kino gihe rero iri jambo rikaba rikoreshwa mu gitsina gabo ariko rikaba rija mu gitsina gore mu gihe uvuze ko ari umunsi mukuru, Fête de Noël.Mu kinjana ca 14 n’ikinjana ca 15,ijambo Noël ryakoreshwa mu kwerekana ko umuntu anezerewe rikaba ryatuma abantu bamenya ko habaye ikintu kinezereje. Uvuze noël rero uba uvuze ururirimbo baririmba mu gihe baba bahimbaza ivuka rya Kristo.

Umunsi wa Noël rero ukaba uhimbazwa n’abemera kristo kw’isi yose uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 25 kigarama mu gihe haba hasigaye iminsi indwi gusa ngo umwaka ukurikira utangure.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.