Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vyunyutse hagati ya Leta Zunzubumwe z’Amerika n’Uburusiya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Vyunyutse hagati ya Leta Zunzubumwe z’Amerika n’Uburusiya

Vyunyutse hagati ya Leta Zunzubumwe z’Amerika n’Uburusiya

vendredi 9 Myandagaro 2013

Imigenderanire ya Leta Zunzubumwe z’Amerika(LZA) n’Uburusiya ntiyifashe neza. Ikimenyetso abahinga mu vya politike basiguza ivyo n’uko Barack Obama yasibije inama yari afitaniye na Vlamir Poutine. Inama yarikuba imbere y’inama ya G20 itegekanijwe muri Nyakanga.

JPEG - 34.3 ko
Vladmir Poutine na Barack Obama

Dufatiye kuvyo abahinga muri politike mpuzamakungu bavuga, intandaro y’itosekara riboneka ry’imigenderanire ya LZA n’Uburusiya ni ubuhungiro mfatakibanza bw’umwaka Uburusiya bwahaye umunyamerika Edward Snowden. Uyu nawe akaba yahoze ari uwahoze akorera CIA, igisata c’igihugu kijejwe igendereza, hamwe na NSA, igisata kijejwe umutekano w’igihugu ca LZA(Leta Zunzubumwe z’Amerika). Umwigisha muri politike , Nina Bashkatov, yigisha muri kaminuza zo mu Bubirigi agira ati : « Snowden nicitwazo cuntuye imigenderanire itari myiza yarisanzwe hagari ya LZA n’Uburusiya».

JPEG - 31.6 ko
Jay Carney, umuvugizi wa Maison Blanche

Ukwo gusiba kw’iyo nama kukaba kwatangajwe na Jay Carney , uwuvugira wa wa Obama, kuwa 7 Myandagaro. Imvo uwo muvugizi yatanze, yagize ati: “Nuko Ataterambere riboneka mu bibazo vyerekeye n’umutekano n’agateka kazinamuntu”. Ndatse yongeyeko ati: “Ingingo yaciye y’incankokora y’Uburusiya, yo guha ubuhungiro Edward Snowden, yatweretse neza uko imigenderanire dufitaniye n’Uburusiya uko yifashe”. Ariko aho hose, haba LZA canke Uburusiya , ntawemeza ko bahagaitse imigenderanire. Leta y’Uburusiya ikaba ivuga ko itangajwe n’iyo ngingo ya Maison Blanche.

JPEG - 30.5 ko
Edward Snowden

Edward Snowden ariwe abahinga muri politique bauvugako ari imbarutso y’ico cuka kibi, yamaze yavuye mu kazi mu nzego z’umutekano za LZA. LZA zikaba zimuhorako yashize ahabona amakuru y’ibanga. Snowden akaba yacishije izo nkuru binyamakuru nka Guardian(co mu Bwongereza) na Washington Post(co muri LZA). Ayo makuru akaba yahishura ukuntu inzego z’umutekano za LZA zumviriza abakurana bakoresheje ama terefone hamwe n’ubutumwa buhanahanwa ku buhinga ngurukanabumenyi.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.