Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Wanka uwuguguna igufa ukazana uwurimira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Wanka uwuguguna igufa ukazana uwurimira

Wanka uwuguguna igufa ukazana uwurimira

jeudi 27 Kigarama 2012

Birumvikana ko kuguguna igufa arivyo vyoroshe kurusha kurimira ryose uko riba rimeze mbere hako ubana n’umugore amira igufa wobana basi n’uwuriguguna ntarimire kuko ibibi navyo nyene birarutana.

Umusore yakundanye n’umukobwa birateba bagera naho bumvikana gushinga urugo, nuko bamaze kubana wamusore akaza arabona wa mwigemwe aza arahindura ingeso kuko igihe cose umugabo yaba avuye ku kazi yasanga abasore muhira iwe baje kuramutsa umugore wiwe, abajije umugore akamubwirako ataco bitwaye kuko ngo ikibituma ari uko akiri umwigeme yari afise urwaruka rwinshi rwamukunda kuko yaruhanura mubuzima busanzwe ngo nubundi ntakindi kiba kibazanye.

Ikindi umugore yamubwira ati ntarugo rutagira abashitsi ati:”None ni kubera iki iyo uhasanze abigeme canke n’abandi atari abasore ataco umbaza?” Umugabo ati:”ninasubira gusanga umusore hano tuzoba tuvyaranye abo, uzoca usubira iwanyu.” Nuko umugore ati: Mugabo mwiza nzagerageza kuvyubahiriza. Nuko umunsi umwe umusore Yari yariganye n’uwo mugore mu mashure yisumbuye aza kumuramutsa ahashitse umugabo wiwe nawe aba arahashitse abonye uwo musore aca abwira umugore wiwe ati : ni muce mujana mumvire mu rugo.

Umugore aja iwabo umugabo asigara wenyene,inyuma y’iminsi mikeya wamugabo biramunanira kwibana wenyene aca azana uwundi mugore amubwira ati: Nyabuna witonde ntavyo gukwegana n’abasore nshaka kuko nico napfuye n’uwa mbere, umugore ati humura ndakijijwe kuko narabatijwe na malayika gaburiyeri.

umugabo ati: Nagomba uwumeze nkawewe.Inyuma y’iminsi mikeya wamugabo avuye ku kazi ntasange umugore muhira aho nawe yaba yagiye mubandi bagabo amubajije akamubwira ko yari yagiye mu masengesho.Haheze iminsi wa mugabo atashe asanga umugore ari kumwe n’uwundi mugabo ku gitanda bibereye muvyabo.

Wamugabo ati: Ubu none ngire gute ko umugore wanje wambere namuhoye iki ko atamakosa yigeze ankorera nkayo uyu akoze? Ati: nivyo koko wirukana umugore aguguna igufa ukazana uwurimira.


Joël Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.