Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Wari uzi ko umugore akomeye gusumba umugabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Wari uzi ko umugore akomeye gusumba umugabo

Wari uzi ko umugore akomeye gusumba umugabo

jeudi 31 Nzero 2013

Kenshi na kenshi usanga abagore bisuzugura ngo abagabo barabasumba cane ariko rero iyo usomye neza ijambo ry’Imana biboneka ko umugabo yaremwe mu vyondo umugore nawe aremwa mw’ igufa kandi twese turemera ko igufa rikomeye gusumba ivyondo.

Igituma rero kuvuga ko umugore akomeye gusumba umugabo atari ukwihenda n’uko vyoroshe k’ umugore gukosora umugabo biroroshe ariko bigoye k’umugabo guhindura umugore biragoye, birumvikana rero ko guhindura ivyondo vyoroshe cane kuko wobikora uko ushatse, ariko rero guhindura igufa biragoye kuko iyo ushatse kurihindura uko ushatse urarivuna.

NK’akarorero kuri Samusoni yari umugabo akomeye cane yamenyekanye muri kahise nk’intwari ku bantu bemera Bibiriya ,rero iyo bamutuma umugabo mugenzi we ntivyari gushoboka kuko babigerageje kenshi birabananira, bamutumye umugore mutoya yitwa Derilla yaciye amuhindura baca baronka uko bamufata aha birumvikana ko abagore bakomeye gusumba abagabo.

Ikindi kiboneka n’uko ushaka ko inkuru yawe yihuta gukwira hose uyituma abagore kuko ari abahinga mu guhanahana amakuru. Nka Yesu akizuka yiyeretse abagore mu mwanya muto iyo nkuru bari bayikwije hose.

Ikindi cerekana ko umugore akomeye kurusha umugabo n’uko abahinga bavuga ko inzara yica umugabo mu minsi mikeya kurusha umugore urumva nawe ko ivyondo vyononekara kare kurusha igufa . Ikindi abana benshi iyo bipfuza kubwira ivyiyumviro ba papa babo babicisha kuri ba mama babo kuko baziko umugore ashoboye kwumvisha ibintu umugabo.

Bagore, rero ibintu vyinshi ntivyabananiye ahubwo haraho usanga utabanye neza n’uwo mwubakanye kubera ko kwubahiriza ico wategerezwa gukora vyakunaniye, aho niho batera bavuga bati :«Burya umugore w’ubwenge yubaka urugo ariko uwabuze ubwenge ararwisamburira.»


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.