Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Washington yemeye agashimwe ku wofasha gutuza Boko Haram - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Washington yemeye agashimwe ku wofasha gutuza Boko Haram

Washington yemeye agashimwe ku wofasha gutuza Boko Haram

mardi 4 Ruheshi 2013

Washington yemeye kuva ku musi w’ejo gutanga agahirukabute k’amafaranga y’amadolare imiliyoni 23 ku muntu yotanga inkuru zofasha gufata Mokhtar Belmokhtar, umukuru w’abajihadi canke umukuru w’umurwi w’intagondwa z’abasilamu bo muri Nigeria Boko Haram.

N’abandi bayobozi bo muri Al-Qaïda muri Maghreb bariko bararonderwa n’uwo mugambi bise « agashirukabute k’ubutungane » wa Leta zunze ubumwe za Amerika watangujwe kuva mu mwaka w’1984 ukaba ugamije gutanga amafaranga nk’agashimwe ku nkuru yoba itanzwe igafasha mu gufata canke kwica umuntu canke imirwi y’iterabwoba ibangamiye Leta zunze ubumwe za Amerika.

Twobibutsa ko n’umukuru wa Boko Haram, Abubakar Shekau ariko araronderwa muri urwo rukurikirane rw’umugambi na Leta zunze ubumwe za Amerika wo kurwanya iterabwoba. Abubakar Shekau akaba n’umurwi wiwe Boko Haram bakaba aribo bariko bararwanya igisirikare ca Nigeria mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu ca Nigeria.

JPEG - 79.7 ko
Abubakar Shekau, umukuru wa Boko Haram

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.