Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Wayne Rooney yoba agiye gukinira Paris Saint Germain - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Wayne Rooney yoba agiye gukinira Paris Saint Germain

Wayne Rooney yoba agiye gukinira Paris Saint Germain

jeudi 28 Ruhuhuma 2013

Umukinyi w’umwongereza Wayne Rooney akinira umurwi Manchester United yoba agiye gukinira umurwi wa Paris Saint Germain (PSG) wo mu gihugu c’Ubufaransa.

Nk’uko ikinyamakuru «Times» co mu gihugu c’Ubwongereza cavyanditse, abarongoye umurwi wa Paris Saint Germain boba bafise umugambi wo kuzana umukinyi Wayne Rooney mu kiringo kigiye kuza c’ihiganwa ryo mu gihugu c’Ubufaransa.

Ico kinyamakuru kivuga ko umurwi wa Paris Saint Germain witeguye gutanga imiliyoni 46 z’amafaranga y’abanyaburaya.

Inyuma y’aho umukinyi David Beckham ashikiye muri uwo murwi,PSG irondera gukinisha uwundi mu kinyi azwi cane mu mupira w’amaguru mu gihugu c’Ubwongereza.

JPEG - 6.1 ko

Mu kinyamakuru casohotse kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2013, ikinyamakuru «Times» kiremeza ko PSG ihanze amaso cane Wayne Rooney mu kiringo gikurikira.

Nk’uko ico kinyamakuru kibandanya kibimenyesha,ayo mafarang azogurwa umukinyi Rooney aracarimwo igipfungu ariko ashobora kuba azoba aya mbere atanzwe menshi muri kahise ka PSG no mw’ihiganwa ry’Ubufaransa.

Umukinyi Wayne Rooney ari mu bakinyi umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza ugenderako kuko amaze kuwukinira inkino 79,naho biri ukwo ubu ntagifatwa nk’umukinyi akomeye cane muri Manchester United inyuma yahoo umukinyi Robin Van Persie ashikiyeyo kuko wewe amaze kwinjiza ibitsindo 19 mu nkino 20,mu gihe Rooney amaze kwinjiza ibitsindo 9 vyonyene.

Tubibutseko bitegekanijwe ko amasezerano Rooney afitaniye na Manchester United azohera mu mwaka wa 2015,ariko uwo murwi ugomba kumwikura kubera igihembo c’ama euros 290 000 ahembwa ku ndwi ari amafaranga menshi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.