Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Willy Sagnol yifatiye mu gahanga abakinyi bakomoka muri Afrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Willy Sagnol yifatiye mu gahanga abakinyi bakomoka muri Afrika

Willy Sagnol yifatiye mu gahanga abakinyi bakomoka muri Afrika

mercredi 5 Munyonyo 2014

Umumenyereza w’umurwi wa Bordeaux, Willy Sagnol yashikirije amajambo benshi batariko barahurizako. Avuga ko umwanya wose azomara amenyereza umurwi wa Bordeaux, ata bakinyi benshi b’abanyafrika akeneye, kuko ku bwiwe bafise inguvu kurusha ubuhinga.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Willy Sagnol, umumenyereza w’umurwi wa Bordeaux yamenyesheje ko adashaka abanyafrika benshi mu murwi wiwe. Ku bwiwe, abakinyi bakomoka muri Afrika batwarwa umwanya munini, rimwe mu myaka ibiri, mu nkino nserukirabihugu z’igikombe ca Afrika (CAN), kandi n’imirwi yabo iba ibakeneye. Willy Sagnol ntiyagarukirije aho, kuko yabaye nk’uwusuzugura abakinyi bakomoka muri Afrika, akavuga ko bazimbutse iyo imirwi ibaguze, bagakoresha inguvu batagira ubuhinga. Yagize ati : "Bari mu kibuga barateye ubwoba, ariko umupira w’amaguru ni ubuhinga n’ubwenge."

JPEG - 69.4 ko
Willy Sagnol

Lilian Thuram, umwe mu bakinyi bakomoka muri Afrika, akaba yaranakinanye na Willy Sagnol, amenyesha ko ivyo yashikirije bitangaje, kandi ari ugufatira mu kivunga. Thuram ati : "Willy Sagnol yirengagije ko mirwi yose yakiniye, hamwe no mu murwi nserukiragihugu, yamye ari kumwe n’abanyafrika bavifatamwo neza, baciye ubwenge, mbere bakagira n’ubuhinga kumurusha."

JPEG - 25.5 ko
Lilian Thuram

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.