Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Winnie Mandela: “ Iyo hataba jewe, Madiba yari gupfira mw’ibohero” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Winnie Mandela: “ Iyo hataba jewe, Madiba yari gupfira mw’ibohero”

Winnie Mandela: “ Iyo hataba jewe, Madiba yari gupfira mw’ibohero”

lundi 27 Nzero 2014

Winnie Madikizela-Mandela, uwahoze ari umutambukanyi w’umuhisi Nelson Mandela yamenyesheje ko yarwaninye urugamba rudasanzwe mu gukingira ubuzima bw’umunega wiwe Madiba yahoze arongoye igihugu ca Afrika yepfo.

Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru, kuri uyu w’Imana wa 26 Nzero 2014, Madikizela Winnie yamenyesheje ko yakoze ibikora inka mu gukingira ubuzima bw’uwahoze ari umunega wiwe Nelson Mandela. Akavuga ko iyo hataba we, Madiba yari gupfira mw’ibohero.
Madikizela ati : "Iyo ntaza kurwana urugamba rukomeye, Nelson Mandela ntiyobayeho, n’isi yomwibagiye. Yari gupfira mw’ibohero nk’uko abamutayeyo bari bavyipfuje".
Winnie Mandela akavuga ko ivyo yakoze kwari ukugira izina rya Madiba ntirizimangane, hamwe n’abo bari kumwe mw’ibohero kugira babandanye urugamba rwo kwikura intwaro ya karyanishamiryango.

Ku bivurwa naho ko Mandela yacinyijwe cane akanahohoterwa ubuzima bwiwe ari mw’ibohero, Winne Mandela amenyesha ahubwo ko ariwe nyabuna yahaboneye amakuba adasanzwe kurusha ayashikiye Madiba hamwe n’indongozi za ANC (Congres National Africain).
"Vyari vyoroshe kwizera kuronka amahoro mu gihe twariko turahohoterwa ubuzima tuzira kurwanya intwaro ya karyanishamiryango".

Tubibutse ko Winnie na Nelson Mandela bari bubatse urwabo kuva mu mwaka w’1958, imyaka itandatu imbere y’uko Nelson Mandela atabwa muri yompi. Mu mwaka w’1996, baciye bahukana inyuma y’imyaka ibiri Nelson Mandela ashinzwe amabanga yo kurongora igihugu ca Afrika y’epfo.

Inyuma y’aho mu mwaka w’1991 yagirijwe icaha co kunyuruza hamwe no kwica umusirikare, Winnie Mandela yaraciriwe umunyororo hamwe no gutanga amahadabu. Yongera kandi yagirwa mu mwaka w’2003 n’icaha co gukora ivya magendu.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.