Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yaciriwe umunyororo w’umwaka kubera guhindura ukwo abigeme bateye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yaciriwe umunyororo w’umwaka kubera guhindura ukwo abigeme bateye

Yaciriwe umunyororo w’umwaka kubera guhindura ukwo abigeme bateye

vendredi 25 Gitugutu 2013

Umuganga w’Umunyamerika akoresha bwa buhinga bwo guhindura imibiri y’abantu, yaciriwe gupfungwa umwaka kubera yatera isima, ishashara ku bihimba vy’inyuma vy’abakobwa bamwitura bashaka biba binini cane. Ivyo bihimba navyo bikaba cane cane ari ivyicariro.

Uwo yitwa Oneal Ron Morris, afise imyaka 32, yagirijwe gukora ibiteye kubiri n’amategeko mu mwuga w’ubuganga. Ariko akwirikiranwa ku rupfu rw’umwe mu bakobwa bahora bamwitura. Sentare ntiyari bwa menye neza ibiri mu miti Morris atera abakobwa kubihimba vy’inyuma, kuva mu kiyunguyungu gushika ahaboneka ko umukobwa ateye neza ubw’inyuma , eka no ku matama,ku munwa, cane cane barya bahinduza imibiri yabo.

Inyuma y’umwaka w’amatohoza, inyamiramabi z’i Miami zabiboneye ku mukobwa yari mu bitaro aho atikoma umubiri wose, kubera inshinge yatewe na Morris muri Rusama 2010. Abahinga mu buvuzi, basanze Oneal Ron Morris yamuteye isima, ishashara n’amavuta kugira ibihimba vyiwe vy’inyuma bingane amahanga. Ku matohoza yagizwe, basanze yabikorera mu kinyegero mu vyumba vy’amahoteri, canke akagenda mu Bumanuko bw’intara ya Floride, aho abakeneye kwongereza ubwinyuma canke amatama bamusanga.

Uwo mufyitirizi nawe yariteye iyo miti nyene nk’uko amashusho y’inyamiramabi avyerekana.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.