Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yagandaguye abana biwe 3 abaziza ubumuga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yagandaguye abana biwe 3 abaziza ubumuga

Yagandaguye abana biwe 3 abaziza ubumuga

vendredi 25 Ndamukiza 2014

Umugore avuka mu gihugu ca Afrika y’epfo yagandaguye abana biwe 3 bakwirikirana. Abo bana bazize indwara itera ubumuga kandi idakira bavukanye. Uwo mugore arenguka uno munsi kuwa gatanu imbere y’ubutungane.

Tania Clarence afise imyaka 42, aturuka mu gihugu ca Afrika y’epfo, ku munsi wa gatatu yacishije ku buhombo abana biwe 3 abaziza indwara bavukanye kandi bakuye ku bavyeyi babo (maladies héréditaires). Uwo mugore yishe abana bakwirikirana harimwo amahasa : Ben na Max bafise imyaka 3 na Olivia w’imyaka 4.

Amakuru dukura mu kinyamakuru 7 sur 7 avuga ko abo bana bagandaguwe bazira indwara ifata igiti c’umugongo n’imitsi igatuma umuntu abura inguvu kubera kunyunyuka agaca aba ikimuga yitwa "Amyotrophie spinale".

Igihe Tania Clarence yikora mu nda, umugabo wiwe Gary yari mu buruhuko mu gihugu ca Afrika y’epfo, kuko uwo muryango usanzwe uba mu gihugu c’Ubwongereza ahitwa New Malden, yajanye n’agakobwa kiwe k’imfura.
Kuri uyu wa gatanu, uwo mugore yari apfunzwe ivy’agateganyo ararenguka imbere y’ubutungane bw’i Wimbledon.

Amasanamu yerekana abafise ubumuga batewe ni indwara ya "Amyotrophie spinale" :

JPEG - 40.1 ko
Inzu bagandaguriwemwo

Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.