Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yagarutse mu kibuga kandi yatanguye neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Yagarutse mu kibuga kandi yatanguye neza

Yagarutse mu kibuga kandi yatanguye neza

jeudi 9 Nzero 2014

Mu gihe yaramaze iminsi adahonyoza ikirenge mu kibuga kubera yakomeretse, abatari bake bari bazi ko yibagiye kwinjiza ibitsindo. Haba namba, Lionel Messie ejo yarasubiye kwiyereka abakunzi biwe kandi barashimye.

Hari haheze amezi ashika kuri abiri, umukinyi w’igihangange aturuka mu gihugu ca Argentine Lionel Messi adahonyoye mu kibuga. Ivyo vyatumwe n’uko kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo yari yakomeretse kw’itako ry’ukuguru kw’ibubamfu, mu gihe umurwi wa FC Barcelone wariko utana mu mitwe na Betis Seville. Kuva uwo munsi yaciye aja mu karuhuko i Catalogne no muri Argentine kugira avurwe kandi umubiri wiwe usubirane. Niko rero kugaruka mu gisagara ca Barcelone kw’igenekerezo rya 02 Nzero, aca ashikira mu myimenyerezo.

Inyuma y’indwi y’imyimenyerezo, Lionel Messi, yagarukanye inguvu zidasanzwe. Mu kibuga ca Camp Nou, ejo ku munsi wa gatatu w’igenekerezo rya 08 Nzero, hariko habera urukino rwahuza umurwi wa FC Barcelone na Getafe, ni mu mahiganwa y’igikombe c’umwami «Coupe du Roi d’Espagne», mu gice c’umunani c’inkino.

Urukino rugeze ku munota wa 64, Andres Iniesta yarasohotse mu kibuga, maze hinjira Lionel Messi. Nk’uko womenga ni ivyo yonse, adatevye yaciye yinjiza igitsindo, hanyuma urukino ruhera Lionel afise ibitsindo bibiri, maze umurwi wa Getafe utahuka agapfungo k’ibitsindo 4 ku busa.

Tubibutse ko kw’igenekerezo rya 13 Nzero 2014, Lionel Messi, Franck Ribery na Christiano Ronaldo hazotorwamwo umwe ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru «FIFA» rizoha umupira w’Inzahabu.

Irabire ingene ivyo bitsindo vyinjiye


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Jewe navye ndabona ari missi azotwara kiriya gikombe naho yari yahagaze none ubwo two muhora iki. Numukinyi wangu uriya tip komera missi oyeeeeeeee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.