Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yagirizwa gutera inda umukobwa wiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yagirizwa gutera inda umukobwa wiwe

Yagirizwa gutera inda umukobwa wiwe

mercredi 5 Ruheshi 2013

Umugabo w’imyaka 37 y’amavuko aba ku Gatumba ka Baziro, ku musozi wa Mugombwa, muri komine ya Gisagara, mu gihugu c’Urwanda afungiwe mu munyororo ku gipolisi ca Muganza yagirizwa gutera inda umwana wiwe w’umukobwa w’imfura, w’imyaka 13.

Nyina w’umwana, Uwimana Josée, yabariye ubuyobozi ko umwana wiwe yabanje kugira ubwoba bwo kugira uwo abibwiye mu nyuma niho yatinyuka amubwira ko atakija mu butinyanka . Uwimana yabandanije kubaza umwana ko ata musore babonanye aramuhakanira, ariko amubwira ko rimwe yikanguye agasanga se amuryamye inyuma.

Umunyamabanga Nshingwabikorwa wa komine ya Mugombwa, Bede John yamenyesheje ko uwo mugabo Mukeshimana Ephaim yafashe umwana wiwe akamusambanya, mu gihe nyina yari yagiye kw’ ishure kuko yiga mu masaha yo ku mugoroba muri Kaminuza Nkuru y’u Rwanda (UNR).

Uwimana ngo yabanje kugira ngo n’uguhinduka bisanzwe kw’umubiri atarasobanukirwa, ariko asaba umwana wiwe ko babanza kurindira amezi abiri bakaraba ko yasamye imbanyi.

Munyuma y’amezi abiri niho bamenya ko umwana yibungenze, aho ibimenyetso vyibonekeje.

Niho nyina w’umwana yatabaza inzego z’igipolisi, zica zifata uwo Mukeshimana.
Umuyobozi wa komine yemeza ko uwo mugabo asanzwe azwi ku ngeso y’akaborerwe bivugwa ko ari nayo yoba yaramuteye gusambanya umwana we.


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.