Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yaguweko n’umusaraba wa Yezu aca yitaba Imana ubwo nyene - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yaguweko n’umusaraba wa Yezu aca yitaba Imana ubwo nyene

Yaguweko n’umusaraba wa Yezu aca yitaba Imana ubwo nyene

vendredi 25 Ndamukiza 2014

Umuyabaga yari mu bandi bariko baratembera mu karere ko mu buseruko bw’igihugu c’Ubutaliyano, yaraye apfuye aguweko n’umusaraba wa Yezu Christu wamanyutse ageze munsi yaho.

Umusore w’imyaka 20, ava mu karere ka Lovere mu gihugu c’Ubutliyano yaraye aguweko n’umusaraba umanitseko ikibumbano ca Yezu (Statue de Jésus). Uwo yari kumwe n’abandi bariko baratembera, bageze munsi y’igiti c’umusaraba gipima imetero 30 gica kiramanyuka gihitana uwo musore ubwiye buba buraheze.
Uwo musaraba wakozwe n’umuhinga yitwa Enrico Job yavuka mu Butaliyano nyene. Yabayeho kuva mu mwaka w’1983 gushika mu mwaka w’2008. Umusaraba wariko ikibumbano ca Yezu gipima ibiro 600 ari navyo vyaguye kuri iyo ngenzi.

Mwomenya ko uwo musaraba wari wakozwe mu gihe hariko hitegurirwa urugendo rwa Papa Karol Wojtyla yava mu gihugu ca Pologne yaja i Brescia, mu gihe bahimbaza imyaka 50 yari amaze ari Papa Paul wa 6.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.