Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yamize telefone ngendanwa yanka ko umukunzi wiwe abona ubutumwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yamize telefone ngendanwa yanka ko umukunzi wiwe abona ubutumwa (...)

Yamize telefone ngendanwa yanka ko umukunzi wiwe abona ubutumwa burimwo

mardi 3 Nyakanga 2013

Adriana Andrade ni umukobwa w’imyaka 19, akomoka mu gihugu ca Brésil ahitwa São Paulo. Inyuma y’aho umukunzi wiwe amusatiriye, amusaba kumwereka ubutumwa bwari muri telefonne ngendanwa yiwe, Adriana Andrade yahisemwo kuyimira.

Nk’uko tubikesha urubuga dugeek.com, iyo nkuru yatangaje benshi yatanguye kuvugwa kuva ku munsi wa gatanu. Umukunzi wa Andrade Andrade yagumye amusaba ashimitse ko yomwereka ubutumwa buri muri telephone ngendanwa yiwe. Kuko yari azi ko bushobora kumusambuza, vyakabaye kera, yaciye ayimira.

N’aho ivyari vyanditswe muri ubwo butumwa bitaramenyekana, abatari bake muri ico gihugu bariyumvira namba vy’ukuri kuyimira ariyo ngingo yasanze yoba ngirakamaro kuri we, canke kuba ubwo butumwa bwari muri telephone ngendanwa yiwe aribwo bwari kumutuma yirengagiza ingaruka vyomuzanira ayimize.

Ariko rero, Imana yarakinze, Adriana Andrade ntaco yabaye ahejeje kuyimira. Biratangaje ukuntu yashoboye kurengana mu muhogo ntiyamuniga. Yaciye ajanwa ku bitaro, ubu abaganga bakaba bamenyesha ko amagara yiwe atabangamiwe na gato. Arindiriye ko yobarwa bayimukuremwo.

JPEG - 19 ko
Adriana Andrade ku musego mu bitaro inyuma y’aho amiriye telefone ngendanwa. Ku bubamfu bwiwe, isanamu y’iyo telefone aho iri mu nda

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.