Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yarakubiswe yamburwa impuzu kubera ideni ry’amadorare 15 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Yarakubiswe yamburwa impuzu kubera ideni ry’amadorare 15

Yarakubiswe yamburwa impuzu kubera ideni ry’amadorare 15

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Umusore wo mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,kw’ibarabara rya Newark muri Reta ya New Jersey yarakubiswe,aramburwa impuzu kubera ideni ry’amadorare 15 se wiwe yari afitiye umudandaza w’ibiyayuramutwe.

Nk’uko amakuru dukesha imboneshakure y’abafaransa France 24,ngo uwakubise uwo musore yavuze ko ivyo yabigize kubera ko umuvyeyi w’uwo musore yari amufitiye amadorare 15 mu mafaranga y’abanyamerika.

Kubera amafoto yafashwe igihe ivyo vyariko biraba, igipolisi carashoboye kumenya abakoze ivyo,ariko rero kubera amasanamu yafashwe yerekana ingene yakubiswe akagirirwa nabi yari ateye ubwoba France 24 yahisemwo kureka kwerekana amasanamu amwe.

Tubamenyeshe ko yaba uwo musore yakubiswe canke umuvyeyi wiwe ata n’umwe yari yashoboye kumenya abakoze iryo bara.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.