Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yariko arenga ibigo intambwe ica iramurya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yariko arenga ibigo intambwe ica iramurya

Yariko arenga ibigo intambwe ica iramurya

mardi 12 Ntwarante 2013

Abanyagihugu bo mu gisagara ca kariba muri zimbabwe baguye mu gahundwe aho bumviye umugore w’umubanyi yishwe n’intambwe imusanze aho yariko arabonana n’umukunzi wiwe!

Hari kuri yu wa kabiri uheze mugisagara c’ubukerarugendo ca zimbabwe aho umugore yitwa Sharai Mawere w’Imyaka 43 yajana kwihererana n’umukunzi wiwe mu gashamba kari hirya y’igisagara.

Bakiriko barabikora niho haza intambwe yishwe n’inzara ica isumira babantu. umugabo yarashoboye guhunga. Munyuma yaragerageje gutabaza ariko abantu babonye yiruka ari gusa mw’ibarabara nta n’umwe yahagaritse imodoka ngo aze gutabara kuko bibaza ngo n’umusazi.

Amaze kuronka abaza gutabara baje gushika basanga iyo ntambwe yatabaguye Sharai yamaze gupfa baca baregeranya ibihimba vyari bisigaye.

Abategetsi ba Zimbabwe bavuga ko atari ubwambere iyo ntambwe y’ingore irya abanyagihugu bagasaba ko intambwe zo mumashamba zimaze kurya abantu bozica zose ariko uwujejwe gukingira ibidukikije we agasaba ahubwo ko ibikoko vyose vyokwubakirwa bikazitirirwa ku buryo atakija hanze.

Mwomenya ko iyo ntambwe y’ingore yariye uwo mugore yahavuye yicwa


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.