Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yaronkejwe itike ryo kuja muri Bresil atarahonyoza ibirenge i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yaronkejwe itike ryo kuja muri Bresil atarahonyoza ibirenge i (...)

Yaronkejwe itike ryo kuja muri Bresil atarahonyoza ibirenge i Kigali

lundi 31 Ntwarante 2014

Mu giteramo categuwe n’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ryo mu gihugu c’Urwanda Airtel mu gisata co guhanahana amahera (Airtel Money) kijejwe kumenyekanisha ibikorwa vy’iryo shirahamwe, umwigeme yitwa Mukarurema Vestine yatomboye itike ryo kuzoja mu gihugu ca Brésil kuraba inkino z’isi yose.

Mukarurema Vestine afise imyaka 22 avuka i Kinigi, mu karere ka Musanze, uwo rero yari yitavye ibikorwa vyari vyabaye kw’igenekerezo rya 19 Ntwarante 2014. Ivyo bikorwa vyabera mu gihugu c’Urwanda mu karere ka Burera, Vestine rero aca agirirwa amahirwe yo gutsindira itike ryo kuja mu gihugu ca Brésil kuraba inkino z’isi yose zizotangura muri Ruheshi. Ayo mahirwe yayahawe n’ugukoresha cane Airtel.

Amakuru duhabwa n’umumenyeshamakuru w’insamirizi Umuco FM amenyesha ko umunezero Vestine afise urenze, abona nk’indoto kuko uwo mwigeme yoba atari bwashike n’i Kigali akaba ata mashuri menshi afise kuko yize gushika mu mwaka wa 3 gusa. Aravye n’ubukene umuryango wiwe ufise ntiyibaza ko yoshobora kwurira indege aja mu gihugu nka Bresil. Eka n’umuryango wiwe ntutahura neza ivyashikiye umukobwa wabo.

Mu gihe umuryango wiwe washakako iryo tike borivunjamwo amahera, Theoneste Nsangano ajejwe ibikorwa vya Airtel Money ababwira ko bidakunda kuko uwutsindiye ako gashimwe abwirizwa kwishikira aho muri Brésil.

Mukarurema Vestine azomara iminsi 4 ariko yirabira inkino z’imirwi ihiganirwa igikombe c’isi yibereye aho muri Brésil. Urwo rugendo nta faranga na rimwe azokoresha rivuye mu mufuko iwe.

Ayo makuru arangiza amenyesha ko ivyo vyakozwe mu ntumbero yo kumenyekanisha umugambi mushasha wa Aitel witwa "Gana Bresil" bisigura "Genda muri Bresil", biciye mu buryo bwo guhanahana amahera.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.