Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yasser Arafat yishwe n’urw’akarago - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Yasser Arafat yishwe n’urw’akarago

Yasser Arafat yishwe n’urw’akarago

jeudi 26 Kigarama 2013

Abahinga ba barusiya, bari bahawe akazi ko gusuzuma icishe uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Palestine Yasser Arafat, bamenyesheje ko uwo mukuru w’igihugu yishwe n’urupfu rusanzwe. Bamenyesheje ivyo mu gihe abahinga b’abafaransa nabo nyene bari bemeje ko yishwe n’urupfu rw’akarago.

Amakuru avuga ko Yasser Arafat yoba ysihwe n’uburozi, abandanya ahakanwa indwi ku ndwi. Ku munsi wa kane igenekerezo rya 26 kigarama, abahinga ba barusiya basuzumye ikiziga ca Yasser Arafat bamenyesheje ko yatwawe n’urupfu rusanzwe, vyashikirijwe n’umuyobozi w’ikigo kijejwe be nayo masuzuma Vladimir Ouiba mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Ivyo vyashikirijwe rero birahuye neza ni ivyari vyavuzwe n’abahinga bari bashizweho n’ubutungane bw’ubufaransa, aho umupfasoni wa Yasser Arafat yari yasavye ko haba amatohoza. Abacamanza bo mu gihugu c’Ubufaransa bari basavye ko bozura ikiziga ciwe, bakaba baciye bazura ico kiziga mu kwezi kwa munyonyo 2012. Bakaba rero ico gikorwa bagihaye abajejwe amatohoza bo mu Buswise, abafaransa hamwe n’abarusiya, umwe wese agakora ico gikorwa ukwiwe, atawuravye uwundi.

Kuva mu kwezi kwa kigarama, sentare y’i Nanterre, iri hafi y’i Paris, yari yamenyesheje abahinga b’abafaransa ko Yasser Arafat atariye ishano ahubwo yishwe n’urupfu rusanzwe . Ariko Souha Arafat, umupfakazi wa Yasser Arafat yamiriye kure ico cegeranyo c’abafaransa.

Ikinyamakuru c’ubuvuzi co mu gihugu c’Ubwongereza cari cavuze ko yariye ishano. Muri ico kinyamakuru bakavuga ko ayo makuru bayakuye mu matohoza yakozwe n’abahinga bo mu gihugu ca Suisse aho boba barabonye mu mubiri ubumara bwitwa ‘’polonium 210’’ ko ari bwo bwoba bwaramugandaguye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.