Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yasser Arafat yoba yapfuye kubera uburozi yahawe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Yasser Arafat yoba yapfuye kubera uburozi yahawe

Yasser Arafat yoba yapfuye kubera uburozi yahawe

mardi 15 Gitugutu 2013

Uwahoze arongoye Palestine, Yasser Arafat, yoba atishwe n’indwara. Ivyo bikaba vyavuzwe n’abashakashatsi b’i Lausanne mu Buswise bapimye ibisigarira vya Arafat. Ubumara bwitwa polonium 210 akaba aribwo, ikigo c’i Lausanne, kivuga ko casanze muri ivyo bisigarira.

JPEG - 30.7 ko
Yasser Arafat

Ikigo c’ubushakashatsi no gupima ibijanye n’ubumara c’i Lausanne mu gihugu c’Ubuswise carapimye ibisigarira vy’ikiziga vy’ uwahoze arongoye Palestine. Yasser Arafat yitavyimana mu 2004, ashobora kuba yishwe n’ubumara bwa “polonium” yahawe. “Ibipimo vyavuye mu bisigarira biseseka vy’umubiri wiwe, nk’umwanda muto n’amaraso, twasanzemwo ubumara bukaze cane bwa polonium 210”, uko niko abashakashatsi basiguye.

Ubumara bwa “polonium 210” buzwiko ari ubumara bukaze cane, kandi bwica. Kukaba nkako, uburozi nkubwo nibwo bwahitanye uwitwa Alexandre Litvinenko, umwe mubatavuga rumwe n’umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladmir Poutine. Aho hakaba hari mu mwaka 2006.

Kuba binurwanurwa ko Yasser Arafat yapfuye ahawe uburozi ntibibaye irya mbere. Mu 2012, harabaye ireresi yerekana amatohoza ku rupfu rw’iyo ndongozi, aho herekanywe ko yoba yapfuye ahawe uburozi. Ndetse ico gihe, vyatumye n’umupfakazi Yasser Arafat yasize yitura ubutungane.bw’i Nanterre.

Mwomenyako ikiziga ca Yasser Arafat cazuwe muri Munyonyo 2012. Intumbero akaba yari iyo kugira amatohoza mu gupima ibisigarira vy’ico kiziga kugira hemezwe canke hahakanwe ivyo ico kigo c’i Lausanne kivuga. Ariko kugeza ubu, ivyavuye muri ivyo bipimo ntibirashirwa ahabona. Yasser Arafat yitavyimana kw’igenekerezoo rya 11 Munyonyo 2004 i Clamert mu Bufaransa. Aho akaba yari yagiye kwivuriza mu bitaro vy’abasirikare vy’i Percy.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.