Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yatowe inyuma y’imyaka 30 atawuzi irengero ryiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yatowe inyuma y’imyaka 30 atawuzi irengero ryiwe

Yatowe inyuma y’imyaka 30 atawuzi irengero ryiwe

vendredi 28 Ntwarante 2014

Mu gihugu ca Maroc hatowe umwigeme yari amaze imyaka 30 atawuzi irengero ryiwe. Iyo bamutoye mu kinogo, Aisha ntagishaka kubona umuco w’izuba canke kuraba abantu. Yapfunzwe azira ibisigi.

Aicha yazimanganye ibintu bisiga ubwenge yiga muri kaminuza mu gisata c’indimi, ico gihe yari afise imyaka 30. Inyuma yo kurondera hose bakabura irengero ryiwe, yahavuye aboneka inyuma y’imyaka 30 apfungiwe mu kinogo kiri ku metero zibiri zo mu kuzimu, ku birometero 70 vy’igisagara ca Essaouira kiri mu gihugu ca Maroc.
Amakuru tubandanya dusoma mu kinyamakuru Afriquinfos, Aicha yatawe mu kinogo na musazawe avuga ko bapfa ibisigi vy’abavyeyi babo. Ariko ico citwazo nticakirwa nk’insiguro ikwiye imbere y’abaharanira agateka ka zina mu muntu.

JPEG - 5.5 ko
Aisha yamaze imyaka 30 mu kinogo

Mwomenya ko uwo muvandikmwe wa Aicha ari nawe yamutaye muri ico cobo yamazemwo imyaka 30 yahora amugaburira acishije mu gatoboro kari mu ruhome. Ubu rero Aisha ntashaka kuraba abantu canke izuba, kubera kumenyera umwijima yari amazemwo imyaka 30 muri ico kinogo.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.