Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yaturijwe i peterori kubera ari mu bahuza ibitsina babisangiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yaturijwe i peterori kubera ari mu bahuza ibitsina babisangiye

Yaturijwe i peterori kubera ari mu bahuza ibitsina babisangiye

vendredi 7 Ntwarante 2014

Hari umusore avuka mu gihugu c’ubuganda aherutse guturirwa gushika yitabe Imana yagirizwa kuba ari muri bamwe bahuza ibitsina babisangiye. Yafashwe ari kumwe na mugenzi we basanzwe babihuza, ariko wewe yarabasize. Bamwe mu banyagihugu bo mu Buganda babonako abahuza ibitsina babisangiye barenga ku mategeko ya reta yabo.

Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Rwanda Paparrazi, kivugako cakuye ayo makuru mu kinyamakuru Tolaire, imisore ibiri isanzwe ihuza ibitsina yariko itembera, abanyagihugu baca babirukako umwe arabasiga uwundi arafatwa. John Kelly(Izina ryiwe) amaze gufatwa yabanje gukubitwa izasigaje Yezu, niko rero gufata I peterori bayimusukako maze baramuturira k’umugaragaro. Tubandanya tubisoma kuri ca kinyamakuru nyene.

Umunyagihugu bivurwa ko yayaze n’ikinyamakuru Tolaire, avugako abo bantu baryamana basangiye ibitsina ariko haherutse baca kubiri n’itegeko ribahana, ariko ngo baranse kwumvira abategetsi babo.

Uwo John Kelly baturije I peterori bivurwako ariwe yarashinzwe gukwiza imfashanyo zava mu gihugu ca Afrika y’epfo zoguha abo abahuza ibitsina babisangiye, ayo makuru twaronse amenyeshako yaraherutse gutanga amahera atari make kuri abo bakora ivyo. Uwo rero ngo yaramaze kugabishwa kubera inyigisho zo guhuza ibitsina babisangiye yaguma akwiragiza. Amakuru dukesha ikinyamakuru Rwanda Paparrazi arangiza avugako abajejwe umutekano bo mu gihugu c’ubuganda ataco barabivugako.

Tubibutseko igihugu c’Ubuganda canse gutora itegeko ryemerera abahuza ibitsina babisangiye, ivyo bikaba vyoba vyatumye imfashanya ziva mu gihugu ca reta zunze Ubumwe z’Amerika zihagarikwa.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.