Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Recep Tayyip: Kwirukana abari mu myiyerekano ni akazi kanje - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Recep Tayyip: Kwirukana abari mu myiyerekano ni akazi kanje

Recep Tayyip: Kwirukana abari mu myiyerekano ni akazi kanje

lundi 17 Ruheshi 2013

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yabwiye abantu ibihumbi amajana n’amajana bamushigikiye ko gukura abari mu myiyerekano mu kibanza abantu binezererezamwo mu gisagara ca Istambul kari akazi kiwe.

Mw’ijambo yashikirije abantu isinzi bariko bamwumviriza, ejo ku musi w’Imana, Erdogan yavuze ko imyiyerekano y’indwi zibiri mu mabarabara yakoreshejwe n’abagira iterabwoba.

Yariyamirije ivyatangajwe n’abatavuga rumwe na Leta bavuga y’uko yigenza nk’umutegetsi atwaza agahotoro, akaba yagirije ibinyamakuru, amaradiyo n’imboneshakure vyo mu mahanga, kubera vyakwirikiranye imyiyerekano muri Turkiya.

Mu gihe yariko aravuga, abapolisi bajejwe kurwanya imigumuko, bararashe imyvuka bibabaza mu maso, kugira babuze abari mu myiyerekano gukoranira mu kibanza ca Taksim Square, kiri hagati mu gisagara ca Taksim Square, inyuma y’uko abapolisi babakuye ku nguvu mu kibanza kiri hafi yaho abantu binezererezamwo, aho imyiyerekano ikomeye y’ukwiyamiriza Leta ya Erdogan yabereye.

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yatangaje kw’ukwihangana kwiwe ku bagira imyiyerekano kwarangiye.

Inteko zijejwe umutekano zakoresheje imyuka ibabaza mu maso n’imiringoti y’amazi kugira zikure abari mu myiyerekano mu kibanza c’ukwinezererezamwo, ku muhingamo wo ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi twaraye turangije.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.