Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yaya na Kolo Toure babwiwe inkuru mbi bakiri mu mahiganwa y’igikombe c’isi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Yaya na Kolo Toure babwiwe inkuru mbi bakiri mu mahiganwa y’igikombe c’isi (...)

Yaya na Kolo Toure babwiwe inkuru mbi bakiri mu mahiganwa y’igikombe c’isi yose

samedi 21 Ruheshi 2014

Abakinyi babiri rurangiranwa b’igihugu ca Cote d’Ivoire, aribo Yaya na Kolo Toure, bamenyeshejwe inkuru mbi y’urupfu rwa mutoyi wabo,mu gihe bari bakiri mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi mu gihugu ca Bresil.

Ibrahim Toure yitavye Imana ku munsi wa kane mu Bwongereza,mu gisagara ca Manchester, akaba asezeye isi ku myaka 28 y’amavuka.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Cote d’Ivoire ryahojeje abo bakinyi babiri aribo Yaya na Kolo Toure babuze murumuna wabo, bamenyesha ko bifadikanije mumubabaro n’umuryango wabo, hamwe n’abandi bakinyi bose ba Cote d’Ivoire bari guserukira igihugu mu mahiganwa y’igikombe c’isi yose ariko abera mu gihugu ca Bresil. Mw’itangazo muri iryo shirahamwe ry’umupira w’amaguru basohoye, bagize bati : "Muri iki gihe kigoye, umugwi wa Cote d’Ivoire hamwe n’abaduserukiye bose muri Brezil, dufashe mu mugongo abavukanyi ba Ibrahim Toure n’umuryango wabo."

JPEG - 129.8 ko
Ibrahim Toure yitavye Imana ku myaka 28

Ibrahim Toure, uwo yitavye Imana yahora nawe ari umukinyi w’umupira w’amaguru mu murwi Al-Safa SC wo muri Libani.

Yaya na Kolo Toure babwiwe inkuru y’urupfu rwa murumuna wabo Ibrahim Toure inyuma y’amasaha make umugwi wa Cote d’Ivoire utsinzwe na Colombia ibitsindo 2 kuri 1.
Uwo murwi wa Cote d’Ivoire watsinze urukino rwa mbere Ubuyapani 2 kuri 1, ukaba uzoheza inkino zawo zo mu muce C kuwa kabiri, mu rukino bazohura n’Ubugiriki.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.