Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yaya Touré yatowe nk’umukinyi wa mbere wo muri Afrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Yaya Touré yatowe nk’umukinyi wa mbere wo muri Afrika

Yaya Touré yatowe nk’umukinyi wa mbere wo muri Afrika

vendredi 10 Nzero 2014

Mu gisagara ca Lagos mu gihugu ca Nigeria, umukinyi mpuzamakungu Yaya Touré yaratowe muri 3 bahiganwa kuronka Umupira w’inzahabu.

Ku mugoroba w’igenekerezo rya 09 Nzero 2014, mu gisagara ca Logos muri Nigeria, Yaya Gnégnéri Touré yahoze akina mu murwi wa Beveren, yatewe iteka ryo kuronka umupira w’inzahabu Ballon d’Or. Yatowe muri bagenzi we Didier Drogba akina mu murwi wa Galatasaray na Obi Mikel avuka mu gihugu ca Nigeriya ubu akina mu murwi wa Chelsea. Yaya Gnégnéri Touré, akina mu kibanza co hagati mu kibuga mu murwi wa Manchester City, yari amaze kuronka ako gashimwe mu myaka ya 2011 na 2012.

Ku ncuro ya gatatu atwara uwo mupira w’inzahabu, Yaya Touré ariko yegereza umukinyi Eto’o Fils yigeze gutorwa nk’umukinyi wa mbere wo muri Afrika mu mwaka ya 2003, 2004, 2005 no mu mwaka w’2010.

Tubibutse ko mu kwezi kwa Kigarama 2013, mu matora y’abakunzi b’abakinyi bo muri Afrika yagizwe n’insamirizi y’Abongereza BBC, Yaya Touré yatowe nk’umukinyi wa mbere wo muri Afrika, ikaba yari ibaye incuro ya mbere atowe muri ico kibanza.

John Obi Mikel w’imyaka 26 ntiyatashe imbokoboko kuko nawe yatwaye igikombe c’umukinyi wa mbere yigenjeje neza mu nkino zo muri Afrika CAN no muri mahiganwa ya Europa League mu murwi wa Chelsea. Muri kahise k’umupira w’amaguru mu gihugu ca Nigeriya, ico kibanza caheruka gutwarwa na Nwankwo Kanu hari mu mwaka w’1999. Didier Drogba w’imyaka 35 aheruka gutwara ico kibanza mu myaka ya 2006, 2009 no mu mwaka w’2012.

JPEG - 127.8 ko
John Obi Mikel

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.