Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yaya Touré yasubiriye gutorwa nk’umukinyi wa mbere muri Afrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Yaya Touré yasubiriye gutorwa nk’umukinyi wa mbere muri Afrika

Yaya Touré yasubiriye gutorwa nk’umukinyi wa mbere muri Afrika

vendredi 9 Nzero 2015

Umukinyi Yaya Touré yatawaye ubugira kane ikibanza c’umukinyi wa mbere wo muri Afrika, abaye umukinyi wa mbere muri kahise k’umupira w’amaguru muri Afrika atwaye ico kibanza yikurikiranya.

Yaya Touré w’imyaka 31 avuka muri Cote d’Ivoire akaba akina hagati mu murwi wa Manchester City, yatowe ku ncuro ya kane nk’umukinyi wa mbere wo muri Afrika, bahiganirwa ico kibanza n’umusatirizi wo muri Ghana Pierre Emerick Aubemeang akina mu murwi wa Borussia Dortmund n’umunyezamu wo muri Nigeriya Vincent Enyeama akina mu murwi wa Lille mu Bufaransa.

Ihiganwa ryatsinda uwahawe amanota menshi mu gutora. Amatora yarahagarariwe y’abamenyereza hamwe n’abayobozi b’ubuhinga mu mupira w’amaguru muri Afrika bagera kuri 56. Yaya Touré yarafise amahigwe menshi bivanye n’kuntu yafashije umurwi wiwe mu mahiganwa ya League Cup mu mwaka w’i 2014 aho umurwi watwaye igikombe ugikuye mu maboko ya Chelsea.

Ku bw’umusatirizi Pierre Emerick Aubameang yaragerageje kuboneka cane naho bitabaye nk’uko yavyipfuza, vyabonetse aho umurwi wa Dortmund watanguye nabi inkino z’ihiganwa rya Bundesliga

Ku bw’umunyezamu Vincent Enyeama, naho yaheruka gutwara agashimwe kitiriwe umukinyi Marc-Vivien Foé gatangwa n’insamirizi y’abafaransa RFI n’imboneshakure France 24, yaravyifashemwo neza kandi mw’igori rw’umurwi wa Lille mu mwaka w’i 2014. Ariko ubutwari bwiwe bwagabunuwe n’igihe murwi nserukira gihugu wa Nigeiya Super Eagles wavuye kare mw’ijonjora ry’inkino za CAN-2015.

Tubibutseko Yaya Touré abaye umukinyi wa mbere wo muri Afrika atwaye ikibanza c’umukinyi wa mbere wo muri Afrika imyaka ine ikurikirana, asubiriye umukinyi Eto’o Fils yatwaye ikibanza mu myaka ya 2003, 2004, 2005 hamwe na 2010.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.