IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Yegereyegere y’abanyeshure bo mu mashure ya kaminuza yigenga naya (...)

Yegereyegere y’abanyeshure bo mu mashure ya kaminuza yigenga naya Reta

vendredi 3 Gitugutu 2014

Abanyeshure bo mu mashure ya kaminuza n’ayigenga muri ya ndinganizo nshasha BMD (Baccalaureat - Master - Doctorat) batanguye yegereyegere, nk’uko bari bagabishije, bakaba basaba kumenyeshwa agaciro k’impamyabushobozi bazohabwa muri iyo ndinganizo nshasha.

Inyuma y’aho abo banyeshure bagabishirije ko bashobora gutangura yegereyegere guhera kuri uno wa kane, igenekerezo rya 2 Gitugutu, ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwaciye butunganya inama yo guhanahana ivyiyumviro n’abo banyeshure, hamwe n’abandi bose begwa n’ico kibazo, iyo nayo yabaye ku muhingamo wo kuri uno wa kane kw’ishure ENA. Ariko rero, abanyeshure ntibashimye na gato ivyavuyemwo kuko muvyo basaba ikibazo kibaraje ishinga kitashoboye kuronkerwa inyishu.

Abo banyeshure bavuga ko ubwa mbere batashimye na gato ingene ico kiganiro catunganijwe, kuko ivyo baberetse vyose bitandukanye n’ibiri mu mategeko basanzwe bazi yanditse. Abo banyeshure rero babonye ko ata nyishu bariko bararonka ishimishije, bashimye guhagarika ivyigwa kuko umwanya ubaye muremure bihanganye ariko atakivamwo.

Nayo umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore amenyesha ko ashima ivyavuye muri iyo nama kuko baronse akaryo ko guhanahana ivyiyumviro. Ku bibazo bitashoboye kuronkerwa inyishu muri iyo nama, umushikiranganji asigura ko ata na rimwe ibibazo vyose bigenda bitorewe inyishu ku munsi umwe, abasaba kurindira inama rukokoma y’indero itegekanijwe mu mezi abiri, mu gihe muzi ko iyo nama yari itegekanijwe mu bisanzwe muri kuno kwezi kwa Gitugutu, ibisa n’ibitanezereje abo banyeshure. Baciye bafata ingingo yo kuba barahagaritse ivyigwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.