Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukobwa yishe umugenzi wiwe amucumise imbugita incuro 65 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umukobwa yishe umugenzi wiwe amucumise imbugita incuro 65

Umukobwa yishe umugenzi wiwe amucumise imbugita incuro 65

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Umwana w’umukobwa aba mu gihugu ca Mexique yishe mugenzi we amuziza ko yashize ahabona amasanamu bakunda kwifata bonyene bambaye ubusa. Yamucumitaguye ibibugita incuro 65 gushika aho asandaba. Yaciye afatwa aho yari yagiye ku maziko ya mugenzi we.

Erandy Elizabeth Gutierrez na Anael Baez bafise bompi imyaka 16. Bari abagenzi pfampfe, aho umwe yaba ari niho uwundi wamusanga. Abo bana bakundana urukundo rusumba urwo umuvyeyi akunda imfura. Iyo rero bariko barakina barakunda kwikura impuzu bagafatana amasanamu bari gusa. Anael rero araheza ashira ya masanamu ku murongo wa Facebook, aho bose bashobora kuyabona, ivyo abigira atabibwiye mugenzi we Erandy. Uwo atagishijwe inama amaze kuvyumva bimutera intuntu n’inzigo, bimwanka mu nda, aca atangura kuza arandikira Anael ubutumwa buteye amakenga. Bumwe mu butumwa yamwandikiye ko azomuhamba imbere y’uko umwaka uhera. Nk’uko amakuru ava mu nyamakuru le Mirroir abimenyesha, Erandy yamwandikiye ati : « Urashobora kuba ubona umengo ndatekereje, ariko mu mutwe wanje nzi ko nakwishe incuro zitatu".

JPEG - 19 ko
Erandy Elizabeth Gutierrez na Anael Baez bafise bose imyaka 16 bari abagenzi pfampfe

Anael amaze kubona aguma aronka ubutumwa buteye amakenga buva kuwahora ari akadasohoka, yaciye amutumako iwabo i Guamuchil kugira arabe ko bosubiza hamwe. Aho hari kw’igenekerezo rya 19 Ntwarante 2014. Uwo nawe ntiyanse kwitaba ubwo butumire. Ashitse kwa Anael, Erandy yigirishije nk’uwugiye mu kazu ka surwumwe, aca yinjira mu gikoni ahitana imbugita ayicumita Anael incuro 65 uwo muyabaga aca yitaba Imana. Ahejeje kumugandagura yaciye ahanagura impuzu naya mbugita, aheza atungwa nayo yameze.

Mu gihe inyamiramabi zariko zirondera uwo mwicanyi, Erandy yafatiwe ku maziko ya Anael. Yaciye akatirwa umunyororo w’imyaka 7 azohereza mu munyororo bapfungiramwo abana batarakwiza imyaka cumi n’umunani.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • bantu mukundana muragabe kuko harigihe muzosanga mwishize mumarike muyita akazuyazi umuntu ninkibahasha rifunze utwo tujambo muvugana ni nka presentation mukumenya ibiri mumuntu bisaba ubushishozi atari buke nimwamize ubwenge kugihe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.