Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yivye isaha ayinyegeza mu gihimba c’irondoka ciwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yivye isaha ayinyegeza mu gihimba c’irondoka ciwe

Yivye isaha ayinyegeza mu gihimba c’irondoka ciwe

mardi 8 Ndamukiza 2014

Umukobwa akora akazi ko gukanda (massage) yagirizwa icaha co kwiba isaha y’agaciro kanini y’umutamakazi yaraje kwikandisha. Inyuma y’impari nyinshi hagati y’abo babiri, uwo mukobwa yahavuye yemera ko yayivye aca ayinyegeza mu gihimba c’irondoka ciwe.

Christina afise imyaka 25, akora mu nzu y’ingezi yitwa Wynn iri i Las Vegas muri Reta Zunzubumwe z’Amerika aho afise akazi ko gukanda (massage). Mu kwezi kwa Nzero guheze uno mwaka, yakiriye umutamakazi w’umutunzi w’imyaka 60, bumvikanako amukanda ku mafaranga y’amadorari 300. N’iko kumukura ivyo yambaye vyose harimwo isaha yo mu bwoko bwa Rolex ifise agaciro k’amafaranga 35.000 vy’amadorari (ashobora kungana n’amarundi 56.000.000).

Hageze ko wa mutamakazi yitahira, arondera ya saha arayihebura maze ayagiriza Christina. Uwo nawe yamirira kure ivyo yagirizwa. Abajejwe umutekano bakorera aho baje gusukamwo mabisi, bongera batangazwa n’ukuntu iyo saha yoba yazimiye kandi atawigeze asohoka muri ico cumba haba Christina canke uwo mutamakazi.

Inyuma yo guhakana icaha akanagiriza uwo mukecuru ko ashavujwe n’uko yanse ko bahuza ibitsina babisangiye, Christina yahavuye yemera ko ari we yayitwaye. Aca abwira abajejwe umutekano ko yayinyegeje mu gihimba ciwe c’irondoka. Ni ko kugenda kuyimukuramwo bitaboroheye.

Mu gihe Christina azorenguka kw’igenekerezo rya 15 Rusama, amakuru ava mu kinyamakuru Las Vegas Review Journal avugako ashobora gucirirwa umunyororo w’imyaka 20. Uwumuburanira nawe abonako Christina yahohotewe n’abajejwe umutekano mu gihe bariko bamukora mu gihimba c’irondoka bamukuramwo iyo saha.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.